Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Fasso : Michel Kafando niwe yagenywe kuba umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Burkina Fasso : Michel Kafando niwe yagenywe kuba umukuru w’igihugu

Burkina Fasso : Michel Kafando niwe yagenywe kuba umukuru w’igihugu

lundi 17 Munyonyo 2014

Michel Kafando niwe yagenywe kugira arongore igihugu ca Burkina Fasso vy’imfata kibanza, inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Blaise Compaore.

Michel Kafando yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire ya Burkina Fasso n’ibindi bihugu, ndetse akaba yaranaserukiye ico gihugu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, akaba ariwe yagenywe kugira asubirire Isaac Zida, umusirikare yari yafashe ico gihugu inyuma y’itembagazwa rya Compaore. Michel Kafando w’imyaka 72, akaba yatowe mu gihe yariko arahiganwa n’abandi bantu batandukanye ndetse banakomeye, aha tukavuga nk’umupfasoni yahoze ari umushikiranganji Joséphine Ouédraogo n’umumenyeshamakuru Cherif Sy.

Inyuma y’itembagazwa rya Blaise Compaore, bikaboneka ko aho mu gihugu ca Burkina Fasso basa n’abariko baragarukana intwaro ya Thomas Sankara yahoze ari umukuru w’ico gihugu mu nyuma arangandagurwa, aho urupfu rwiwe kugeza n’ubu rucagirizwa Blaise Compaore. Abari barahunze ico gihug kubera imvo za poritike nabo, bakaba bariko baragaruka ku bwinshi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.