Accueil > Amakuru > Ubutungane > Michel Nurweze batazira Rwembe yaciriwe gupfungwa imyaka 15
Michel Nurweze batazira Rwembe yaciriwe gupfungwa imyaka 15
mercredi 20 Nzero 2016
Sentare nkuru y’intara ya Muyinga yaciriye igihano co gupfungwa imyaka 15, intwazangabo mu gipolisi OPP2 Michel Nurweze batazira Rwembe,imwagiriza gushaka kwica uwo bakorana.
Muri urwo rubanza rwo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Nzero 2016,porkirere wa republika mu ntara ya Muyinga yagirije Michel Nurweze kuba ariwe yarashe amasase yumvikanye mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 6 Nzero,agakomeretsa umupolisi,aho bariko bivuna akanyota mw’ihoteri Benito.
Michel Nurweze batazira Rwembe yarahakanye ivyo yagirizwa,aca asaba ahubwo ko amatohoza abandanya. Yavuze ko igihe yariko arabazwa yahohotewe,kandi yapfunzwe hahonyanzwe amategeko,kuko yafashwe nk’umuntu asanzwe kandi ari ntwazangabo.
Naho Michel Nurweze batazira Rwembe yagumye ahakana ivyo yagirizwa,yahavuye acirirwa igihano co gupfungwa imyaka 15 no gutanga ihadabu ry’imiriyoni 5 z’amarundi azohabwa uwakomeretse.
Miche Nurweze batazira Rwembe yaravuzwe cane mu bwicanyi ndengerabutungane mu ntara ya Gitega, mu mwaka wa 2010 na 2013.
IGIHE
Messages
20 Nzero 2016, 12:31, par Nimudutabare.Com
ahubwo yarakwiye kwicwa kuko nawe yishe benshi. urazi imiryango yahekuye!
20 Nzero 2016, 13:13, par kamaro
nivyo uwowese agomba gucafuza inzego nukumushira kuruhande, kuko amakungu yose amaso yabo ari kuburundi.....
20 Nzero 2016, 14:25, par JEAM
VYIZA IYO NAWE BAMWICA ABATAMUZI BARAMUBARIRWA BAZA ABANYAGITEGA UBUHERA BWO AZOBUTANGA ACE YITAHIRA KWICA ABANDI
20 Nzero 2016, 15:18, par kamaro
nivyiza, abacafuza inzegobose nukubashira kuruhande. kuko amakungu yose amaso ari kuburundi.....
20 Nzero 2016, 15:30, par 0626070990
ubutungane nibukomere bumwongere yindi 25 kuko nabagomvye gutembagaza ubutegetsi biyita ngo nabacungerumutekano , fidelitd uracariho canke nawe rwembe yaraguhitanye ntucumvikama kurubuga
20 Nzero 2016, 20:42, par W.F
MWABUZE KUMWICA AKUMVA ICO AKORERA ABANDI.UWO MUMENJA.
20 Nzero 2016, 20:53, par W.F
NDAGARUTSE,CAANKE MUMUGUMIZE MUGASHO UWO MWICANYI.NAYO AGARUTSE AZOHAVA YIHORA NYAKUBON’AMAGO YEMWE!!!
20 Nzero 2016, 21:52, par GASOR
EGO UBUTUNGAN NIBWI YAMBIKE AGAHUZU ,AZIZE UWUTAPFUY! NABOYISHE, UMUROZI YAMA AZIRA URUYOYA , HASIGAYE KUBISHIRA MUNGIRO
21 Nzero 2016, 06:06, par Gakozi Emmanuel
Amakungu na tahure ko mu Burundi ata wuri hejuru ya mategeko. nkuko bavyibaza. ubutungane burakora. ahubwo amakungu na fashe igisata cu butungane. navyo vyofasha kugarukana amahoro mu Burundi. Gakozi Emmanuel i Pretoria.
21 Nzero 2016, 06:17, par Gakozi Emmanuel
Amakukungu na mennye ko mu burundi atawuri hejuru ya mategeko. nkuko ba vyibaza. ahubwo Amakungu na fashe mugisata cu butungane vyofasha ku garukana amahoro mu Burundi. Gakozi Emmanuel i Pretoria
21 Nzero 2016, 15:57, par Scott
Aho niho akibona batakurikije amategeko ahoi yica akanyuruza abantu niho akibona ko hakora ihohoterwa? Katasaba habe itohoza kubo yica ahubwo iyo bamukorerako nayahandi ntaco bakoze uyo muhimbiri ntaco ingere iraguma napfe kugumayo niyomisi !!!!!!!!
21 Nzero 2016, 19:12, par kayokwe
munyar mug mumuhay imyak mik ndasab mushirek 1
21 Nzero 2016, 19:13, par kayokwe
munyar mug mumuhay imyak mik ndasab mushirek 1
22 Nzero 2016, 10:34, par Giraneza
Imana ihora ihoze !!!
22 Nzero 2016, 14:35, par urararamba joseph
Ivy yakoz nivyish kand bitanezereje ,ubiravy iy myak nay mande nubusa ahubwo yokorew nkivy yakoz vyos bitar vyiz naw tugahez tugasubir kwumva izina ryiwe kwis.I
22 Nzero 2016, 20:35, par NIYUKURI ABEL
NIVYO YARAKWIYE UWOGUHERAYO BAMUVUZEKESHIMUBWICANYI