Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Michele Obama umwe mu bakenyezi bazi ukwo zubakwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Michele Obama umwe mu bakenyezi bazi ukwo zubakwa

Michele Obama umwe mu bakenyezi bazi ukwo zubakwa

lundi 30 Kigarama 2013

Ikinyamakuru National enquirer co mu gihugu c’Amerika caratangaje ku munsi wa Noel ko Barack na Michelle Obama bahukanye. Eka n’ikinyamakuru co mu gihugu ca Canada, Le Tabloid kiremeza ko bahukanye, ko umugore wa Obama ari mu kirimba mu guhuma amaso amakungu, kandi yanka kwambika ibara Obama, ahandi yoba yaravuye ku kirimba kera.

Ikinyamakuru National enquirer amakuru gitanga ku buzima bw’urugo rwa Obama biteye amakenga. Ayo makuru akunda kuboneka mu gihe himirije amatora canke babuze amakuru, ivyo rero bica bituma ikinyamakuru National enquirer kirondera amakuru yo gukangura abasomyi baco. Si ubwa mbere ico kinyamakuru gishaka gusambura uburiri bwa Obama, coba kimaze kubivuga incuro zitatu, ayo makuru atangwa n’ico kinyamakuru gusa kuko nta nsamirizi canke imboneshakure n’imwe irabivuga. Mu mwaka w’i 2010, ikinyamakuru le Tabloid kivuga ko Michelle Obama yoba yagumye yigenza ku mugabo wiwe ngo bahukane, aho ni mu gihe yabwira Obama ko, hamwe yosubira kwitoza yahitamwo ikirimba canke ahitemwo uburiri, mu mwaka w’i 1996 naho yamubuza ngo ntiyitoze mu nama nshingamateka.

Ico kinyamakuru kibandanya kivugako uwo mugore wa Obama yoba yaragerageje incuro nyinshi kwahukana. Muri gitugu 2012, umugwizatunga Donald Trump yaremeje ko afise impapuro zanditseko ukwahukana kwa Obama n’umugore wiwe. Igihe amatora yo muri Munyonyo 2012 yari yegereje, Donald yaragomvye kwerekana izo mpapuro ariko araheza ari kubita agashi, amugumiriza ibanga. Kuronka umuntu nka Donald ashobora kwagiriza Obama, ni akaryo keza kuri National Enquirer, ni naho gica candika ko igihe Obama yari yajanye n’umugore wiwe muri Afrika y’Epfo gusezera umuhisi Mandela, yoba yararenze ibigo n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Danmark Helle Thorning-Schmidt. Ikintu cateye intuntu umugore wa Obama ni ukuntu yaraba icoroshe uwo mugore bari bicaranye, kandi baguma bifotora bakoresheje ngendanwa ya Helle Thorning. Icatunze Michelle Obama ni uko ari incabwege, kandi azi uko ingo zubakwa, uko kuntu ameze bakugereranya n’inyifato y’umupfasoni Hilary Cliton.

Uwo nawe yaragumije ibanga, maze arihanganira umugabo wiwe kandi yafashwe ariko arenga ibigo na Monica. Hari haheze amezi abiri Oprah abajije Michelle Obama uko yiyumva ari umugore w’igihangange Obama, nawe yamwishuye ko atari ibintu vyoroshe, ko gikuru ari kumenya iyo ariko araja. Yongera akavuga ko, kwubaka atari kujandajanda, ni kwubaha gusa uwo mwarongoranye ku mugaragaro, hama ukidigadiga ukamubwira ko umukunda.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.