Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Michelle Obama umusotoye uramubona uwo ariwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Michelle Obama umusotoye uramubona uwo ariwe

Michelle Obama umusotoye uramubona uwo ariwe

vendredi 7 Ruheshi 2013

Michelle Obama arabikwiye kuba umukenyezi wa mbere muri Leta zunzubumwe za Amerika kuko si umugore afise inyifato y’ubwoba canke kuniganwa ijambo, oya namba. Kandi ngo iyo umuntu amusotoye aramubona nk’uko yavyerekanye ku munsi iwa kabiri.

Aho yariko aravuga ijambo haheze nk’iminota cumi ku vyerekeye ibikorwa vyo gufasha, i washington kuwa kabiri, umugore umwe yarinamuye arahaguruka aramwagiriza ko yoba anashigikira bamwe bahuza ibitsina bo muri Leta zunzubumwe za Amerika.

Ariko abandi bose bari bahoze, bizimagiza kuvyariko biraba ,Michelle ashavuye cane yaciye ahagarika kuvuga.’’Mu bintu ntoshobora gukora ni ivyo. Yabivugize kuri NBC. N’aho ata video nimwe yafashe ivyo bintu, ABC yo ivuga ko yaciye igenda itumbereye uwo mugore yari yamuciriye mw ’ijambo. Aca amubwira ati utoremwo kimwe uranyumviriza canke naho ndataha mpebe iyi nama. Abari aho boba baciye basaba Michelle Obama kuguma ng’aho, ariko uwo mugore we yaciye yijana atawumwirukanye ivyo bivugwa na ABC.

Uwo rero yatumye haba akokadurumbanyo akaba yitwa Ellen Startz akaba afise imyaka 56. Uwo mukenyezi rero akaba yaratangajwe cane n’inyifato ya Michelle Obama, yabibwiye ikinyamakuru Washington post,’’yaciye aza imbere yanje ntavyo narinibaza ko yokora! Naciye ndamubwira ko umushingantahe wiwe Obama yogerageza kuraba ico yokora ‘’, kandi ngo yarababajwe n’ukuntu uwo mukenyezi wa Obama yamwishuye n’uburakari bwinshi cane.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.