Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Abagandaguye umumenyeshamakuru batanguye guhagarikwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abagandaguye umumenyeshamakuru batanguye guhagarikwa

Misiri : Abagandaguye umumenyeshamakuru batanguye guhagarikwa

dimanche 30 Ntwarante 2014

Sentare yo mu gihugu ca Misiri inuganuga ko umumenyeshamakuru Mayada Achraf yagandaguwe n’intagondwa z’aba islamiste.

Umupfasoni Mayada Achraf yagandaguriwe i Kayiro mu misiri n’abantu batashotse bamenyekana, ariko ubutungane bukaba bumaze guhagarika umwe mu bagirizwa kuba barishe uyo mu menyeshamakuru. Uyo mupfasoni yakorera ikinyamakuru citwa Al-Doustour yarababaje abantu benshi muri ico gihugu.

Nk’uko amatohoza abivuga yagizwe n’umwe mu bacamanza b’i Kayiro, abantu batanu bari mu muhari w’aba islamiste bashigikiye Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi muri ico gihugu, nibo boba baragandaguye uyo mumenyeshamakuru, babanje kumwugururirako umuriro w’amasasu menshi. Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka k’abamenyeshamakuru hamwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru muri ico gihugu, akaba atera ivyatsi iyo ngendo mbi igayitse yo kwica abamenyeshamakuru.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.