Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Abagirizwa imigumiko 11 baciriwe uwo guherayo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abagirizwa imigumiko 11 baciriwe uwo guherayo

Misiri : Abagirizwa imigumiko 11 baciriwe uwo guherayo

mardi 3 Nyakanga 2013

Inyuma y’ihagarikwa rya gasakisaki ku banyamisiri bari mu myiyerekano biyamiriza itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Mohamed Morsi, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 muribo baciriwe urubanza rw’uguherayo na sentare ya gisirikare bagirizwa gushaka kurwanya abasirikare i Suez, igihe bariko baratesha imigumuko yariko iterwa n’abavuga ko baharanira igaruka ku butegetsi rya Morsi kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro 2013 i Kayiro.
Nirwo rubanza rwa mbere ruciriwe aba Frères musulmans.

Urutonde rw’abantu 64 baba frères Musulmans nibo bari imbere y’ubutungane bwa sentare ya gisirikare ca Misiri kuva kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro. Iruhande yabo 11 baciriwe urwo guherayo, 45 baciriwe igihano co gufungwa imyaka itanu, umunani basigaye nabo barezwa.

Kuva habaye itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Mohamed Morsi, abategetsi bashasha barahagaritse cane aba frères musulmans biyerekana bashigikira Morsi, aho bashoboye guhagarika abarenga 1000 bongera bahagarika abagera ku 2000 batari aba frères musulmans.

Umukuru wabo, Mohamed Badie, hamwe n’abandi mu barongozi n’ivyababa vyiwe bari imbere y’ubwo butungane, aho bagirizwa ubwicanyi n’ukugumura abanyagihugu co kimwe na Mohamed Morsi asanzwe afungiwe ahantu hagizwe ibanga.

JPEG - 65.3 ko
Mohamed Badie, umukuru w’aba Frères Musulmans

Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.