Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : abajejwe umutekano bageramiwe n’ibitero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : abajejwe umutekano bageramiwe n’ibitero

Misiri : abajejwe umutekano bageramiwe n’ibitero

lundi 7 Gitugutu 2013

Inyuma y’ubwicanyi bw’abantu barenga 50 bishwe ejo kuw’Imana mu midugarararo hagati y’abashigikiye Mohamed Morsi, umukuru w’igihugu yakuwe ku butegetsi n’igisirikare ca Leta, kuri uno munsi kuwa mbere hari ibitero vyakozwe ahantu hanyuranye. Abantu 2 bakaba aribo bahitanywe n’igisasu cari giteze mu modoka ku cicaro c’abajejwe umutekano mu bumanuko bwa Sinai. Igice c’iyo nyubakwa casenyutse, birashoboka kandi ko hari abantu bakiri mu bibomoke vy’iyo nyubakwa. Ivyo vyabaye haheze umwanya muto abasirikare 6 biciwe hafi y’igisagara c’Ismailiya.

Ayandi makuru avuga ko hari igisasu co mu bwoko bwa "grenade" catewe ahari icuma gishinzwe gutumatumanako amakuru mu gisagara c’i Kayiro.
Ivyo bisasu vyaguma bigabije ama antene menshi yo muri yo karitiye y’i Maadi, mbere igisasu kimwe kikaba casambuye antenne imwe ijejwe itumatumanako ry’amakuru rya AFP.

Kuri uwo munsi nyene w’ejo, ikindi gitero carakozwe mu gisagara citwa Ismaila, ku nkengera ya Canal de Suez, abasoda batanu b’abanya Misiri bakaba bahasize ubuzima, bishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.