Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Abajejwe umutekano bakoresheje inguvu mu kwirukana abari mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abajejwe umutekano bakoresheje inguvu mu kwirukana abari mu (...)

Misiri : Abajejwe umutekano bakoresheje inguvu mu kwirukana abari mu myiyerekano

mercredi 14 Myandagaro 2013

Abantu baharurwa muri cumi na batanu nibo bitavye Imana mu gihugu ca Misiri, igihe igipolisi cariko kirirukana abari bakoraniye mu bibanza vy’imyiyerekano. Humvikanye n’amasasu atari make.

Nk’uko amakuru ava kuri BBC abivuga, hariko haraswa ivyuka birakira, naza kajugujugu zariko zizunguruka hejuru igihe abajejwe umutekano berekeza ahari hakoraniye abari mu myiyerekano mu buseruko no mu burengero bw’igisagara.

Abari mu myiyerekano bariko basaba uwahoze ari umukuru w’igihugu, Mohammed Morsi yogarukanwa ku butegetsi, uwo nawe akaba yabukuweko n’igisirikare kw’igenekerezo rya gatatu, ukwezi kwa Mukakaro.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Misiri bwasohoye itangazo bumenyesha ko abajejwe umutekano bariko bafata ingingo zose zikenewe ku bari mu myiyerekano ku musigiti wa Rabaa al-Adawiya, mu buseruko bw’igisagara ca Kayiro hamwe no mu gace ka Nahda.
Iryo tangazo zivuga ko abashaka kuva ahabera iyo myiyerekano bahabwa inzira kandi atawubakurikirana, "kiretse abaronderwa n’ubutungane".

Muri iryo tangazo, babandanya bavuga ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwizigiye ko ata maraso y’abanyamisiri aseswa.

Nk’uko BBC yabimenyesheje, inkingi z’imyotsi zaduze mu kirere mu bice vy’igisagara mu mwanya ico gikorwa co gukura abakoraniye ahabera imyiyerekano cariko kirabandanya.
Umugambwe Muslim Brotherhood, ushigikiye Mohammed Morsi ugereranya igitigiri c’abahasize ubuzima bari hagati ya 20 na 30, aho mukamenya ko amakuru ava muri Misiri avuga ko muri abo bapfuye harimwo umwe mu bajejwe umutekano.

Imboneshakure "Muslim Brotherhood" yahamagariye abantu kurungika imiduga ija gukura abakomeretse muri ivyo bibanza vyaberamwo imyiyerekano, maze zibatware mu bitaro.

Tubibutse ko abari mu myiyerekano bamaze indwi zitandatu bakoraniye hanze y’umusigiti no mu kibuga ca Nahda, abantu baharurwa mu 250 bakaba aribo bamaze gusiga ubuzima mu myiyerekano kuva ico kiringo cose.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.