Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Abamenyeshamakuru ba Al-Jazeera barekuwe n’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Abamenyeshamakuru ba Al-Jazeera barekuwe n’umukuru w’igihugu

Misiri: Abamenyeshamakuru ba Al-Jazeera barekuwe n’umukuru w’igihugu

jeudi 24 Nyakanga 2015

Umukuru w’igihugu ca Misiri Abdel Fattah al-Sissi yafashe ingingo yo kweza no kurekura abamenyeshamakuru babiri b’ikinyamakuru al-jazeera,bari bapfunzwe bagirizwa gutanga inkuru z’ibinyoma hamwe no gushigikira umurwi w’abaislamu batavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi urongowe na Mohamed Morsi.

Abo bamenyeshamakuru barekuwe kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Nyakanga 2015,ni Mohamed Fahmy, w’imyaka 41 ava mu gihugu ca Canada, hamwe na Baher Mohamed w’imyaka 31 ava mu gihugu ca Misiri.

Mohamed Fahmy yavuze ko ari umunezero kuri we n’umuryango wiwe kuko ata mushingwamanza canke umupolisi agiye gusubira kumuherekeza aho agiye hose,kandi agiye gusubira kubana n’umuryango wiwe.

Baher Mohamed we yavuze ko ari umunezero urengeje ariko ko batangajwe n’uburyo barekuwemwo.kuko barekuriwe hafi y’isoko iri ku murwa mukuru Kayiro.

Iyo ngingo umukuru w’igihugu ca Misiri yayifashe mu gihe yitegurira kwitaba inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU izobera i New York.

Ingingo yo kurekura abo bamenyeshamakuru b’imboneshakure Al-Jazeera ikaba yashimishije ubuyobozi bw’iyo mboneshakure,ishirahamwa Amnesty international hamwe n’abategetsi b’igihugu ca Canada.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.