Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Abandi bayoboke ba Morsi 230 baciriwe umunyororo wo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abandi bayoboke ba Morsi 230 baciriwe umunyororo wo (...)

Misiri : Abandi bayoboke ba Morsi 230 baciriwe umunyororo wo guherayo

jeudi 5 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Sentare y’ i Kayiro mu Misiri yaciriye umunyororo wo gufungwa ubuzima bwose abayoboke ba Morsi bashika ku majana abiri na mirongo itatu, muri abo hakaba harimwo umwe mu bari ku mutwe w’imyiyerekano yatumye ubutegetsi bwa Hosni Moubarak butembagazwa.

Uwo mugabo yitwa Ahmed Douma yagirizwa icaha co kuba yaraturiye inyubakwa idasanzwe yaho muri Misiri yabikwamwo ibitabo bikomakomeye. Sentare ikaba yamutegetse kuriha ihadabu ry’imiriyoni 2 n’ibice bibiri vy’amadorare.
Iyo sentare kandi yaciriye urubanza rwo gufungwa imyaka cumi abana b’imiyabaga batari bwakwize imyaka cumi n’umunani, abo nabo bakaba bagirizwa kuba bari mu migumuko, nabo bagatana mu mitwe n’abajejwe umutekano muri Kigarama umwaka w’2011.

Tubibutse ko ku munsi wa mbere naho abagera kw’ijana na miringo umunani na batatu nabo bari baciriwe igihano co gupfa, bagirizwa kuba barishe abapolisi 13 mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’2013 ahitwa Kerdassa i Kayiro.

Twobamenyesha kandi ko kuva ubutegetsi bwa Mohamed Morsi butembagajwe, abayoboke biwe 1400 nibo bishwe mu migumuko. Abandi bari muri iyo migumuko bashika ijana baraciriwe urubanza rwo gupfa, abandi bashika 15000 barapfungwa.


Floxella Karire

Messages

  • Muzi KO Imana Ibaho? Mureke kwicana kuko muri Bamwe. Imana izobabaza iti Ninde yakwirikiye Amabwirizwa yanje? Uzokwishuri iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.