Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Abantu 50 baguye mu myiyerekano. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Abantu 50 baguye mu myiyerekano.

Misiri: Abantu 50 baguye mu myiyerekano.

mardi 9 Mukakaro 2013

Mu kiganiro umugambwe Muslim Brotherhood watanze ku munsi w’ejo, wagirije igisirikare ubwicanyi bw’ikivunga, uhamagarira abanyagihugu bose kwiyamiriza igisirikare n’ibikorwa.

Ku ruhande rw’igisirikare, mu kiganiro cahawe abamenyeshakuru, igisirikare cahakanye ivyo kirerwa, kikaba casiguye ko cariko kirivuna nk’uko bisanzwe mu bikorwa vyaco vya minsi yose.
Igisirikare cemeza ko abitwaje ibirwanisho baje bashaka kwinjira ku nguvu mw’ikambi y’abasirikare bajejwe gucungera ubuzima bw’umukuru w’igihugu, batera amabuye n’ibindi biturika.

Umuvugizi w’igisirikare yemeza ko haciye haba kurasana hagati y’abari mu myiyerekano n’abasirikare, aho abapolisi babiri n’umusirikare umwe bahasize ubuzima.

Umukuru w’igihugu vy’’imfatakibanza, Adly Mansour yasubiriye uwahora aramutswa ico gihugu Morsi, yamenyesheje ko ababajwe n’ubwo bwicanyi, ahamagarira impande zompi kwigumya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.