Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Abapolisi 24 biciwe muri Sinai - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Abapolisi 24 biciwe muri Sinai

Misiri: Abapolisi 24 biciwe muri Sinai

lundi 19 Myandagaro 2013

Umutekano mu gace ka Sinai wakomejwe cane, n’ikararo hagati y’igisagara ca Rafah n’akarere ka Gaza kirugarwa, mu gihe abapolisi bariko baragenzura muri Sinai bahasiga ubuzima.

Igisirikare bivugwa ko cakajije ibikorwa vyo guhasha intagondwa mu gace ka Sinai, hakomeje kuba ibitero kuva Hosni Mubarak akuwe ku butegetsi mu 2011. Uburaruko bwa Sinia bwahindutse akarere gateye impungenge kuruta ahandi mu gihugu cose ca Misiri kuva mu 2011.

Aya makuru dukesha BBC Gahuzamiryango, avuga ko abajejwe umutekano bagera kuri 70, n’igitigiri nk’ico c’abo bita abakora iterabwoba bamaze kuhasiga ubuzima kuva mu ndwi zitandatu ziheze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.