Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Abashigikiye Morsi bahamagariwe kandi gusubira mu mabarabara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abashigikiye Morsi bahamagariwe kandi gusubira mu mabarabara

Misiri : Abashigikiye Morsi bahamagariwe kandi gusubira mu mabarabara

vendredi 30 Myandagaro 2013

Abanya Misiri bagishigikiye umukuru w’igihugu Morsi biteguriye gusubira mu mabarabara kugira imyiyerekano mu ntumbero yo kubandanya bashigikira uwo mukuru w’igihugu yatowe mu nzira ya demokarasi yitorewe n’abanyagihugu ubwabo, inyuma y’aho agakomborwa ku butegetsi, akongera agahagarikwa n’igisirikare caho nyene mu Misiri kubera imiriyoni z’abanya Misiri bihereje amabarabara bamwiyamiriza.

Igenekerezo rya 14 Myandagaro uyu mwaka turimwo, ubutegetsi bwashinzwe n’igisirikare inyuma y’ikomborwa rya Morsi bwategetse hakoreshejwe inguvu ihagarikwa ry’imyiyerekano yakorwa n’abari bashigikiye umukuru w’igihugu Morsi, mbere haranaseseka amaraso cane cane mu gisagara ca Kayiro. Abantu barenga igihumbi barishwe mu kiringo c’indwi, mu biyamamaza, aba freres Musulmans nabo barenga 2000 barahagaritswe bakaba bari barwiriyemwo abakuru babo. Urwo ruhigi rwakorewe aba freres musulmans rwabandanije rutangazwa ku mwanya ku mwanya n’ibinyamakuru bimwe bimwe vyaho mu Misiri.

Kuri uyu wa Kane, Mohamed Beltagi, yahoze ari mu nama nkenguzamateka akaba ari mu bategetsi bake bahoze mu ntwaro ya Morsi bacidegemvya, akaba kandi yari no mu bategura imyiyerekano yo gushigikira Mohamed Morsi, ubu ariwe yari asigaye asa n’uwuvugira aba freres musulmans yarahagaritswe mu gace ko mu gisagara ca Kayiro, ari kumwe n’uwahoze ari umushikiranganji w’akazi ku ntwaro ya Morsi. Iryo hagarikwa ry’agasakisaki ryatumye abiyerekana batakaza inguvu.

Haraheze rero ikiringo c’imisi cumi imyiyerekano yo gushigikira Morsi idakorwa bishemeye aho wasanga mu mabarabara hari abantu bake nk’abagera kw’ijana mu kiringo c’indwi yose, mu gihe imbere y’igenekerezo rya 14 Myandagaro abiyereka bagera ku bihumbi amajana.

Mu nama bagize igenekerezo rya 25 Myandagaro, abashigikiye Morsi basubiriye guhamagarira abanywanyi babo gusubira gushasha imyiyerekano kugira babandanye biyamiriza ico bise intwaro y’igikenye yashinzwe n’igisirikare. Ariko rero, ntawuzi ko bizoborohera kuko ku ruhande rwa Leta batanze itegeko ku basirikare n’abapolisi bacungereye igisagara ca Kayiro n’ibindi bisagara bikomakomeye, kurasa uwo wese yosubira kwihereza ibarabara. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Salah Jomaa umwe mu bagize urwego rw’abagishigikiye Morsi, yamenyesheje ko n’aho itegeko nk’iryo ryasohotse, bazobandanya kwiyamiriza intwaro y’igikenye yashinzwe n’igisirikare. Amenyesha ko bazokwiyerekana mu mutekano ntangere.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.