Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Bamwe mubari mu karwi k’iterabwoba bishwe n’abandi bafashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Bamwe mubari mu karwi k’iterabwoba bishwe n’abandi bafashwe

Misiri: Bamwe mubari mu karwi k’iterabwoba bishwe n’abandi bafashwe

jeudi 6 Ntwarante 2014

Mu gitero c’abasirikare cabereye mu ntara ya Sinai iri mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’igisagara ca Kayiro mu gihugu ca Misiri, haraye hishwe abari mu karwi k’iterabwoba baterekwa ivyiyumviro vy’abari ku butegetsi bagera kw’icumi bapfuye na 43 bafashwe.

Amakuru ava mu bisagara vya Al-Arish, Sheikh Zuwei na Rafah, amenyesha ko abo bari mu karwi k’iterabwoba batanye mu mitwe n’ingabo za Reta kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 Ntwarante, amazu agera kuri 38, utuzu twa nyakatsi ingenzi ziharuhukiramwo (cabanes) tugera kuri 85, imiduga 22 hamwe n’amakinga 30 y’ako karwi akaba arivyo vyasambuwe.

Ivyo bitero vya gisirikare, bikaba biri mw’isekeza rinini ry’igiporisi gikora bw’agisirikare, mu kwivuna aba islamu bari mu karwi k’iterabwoba ku bw’ibitero vy’abihevyi vyari bimaze iminsi vyibonekeza, mu gace k’amaja haruguru ya Sinai.

Ibikorwa vyo kwivuna umwansi nk’ivyo bimaze iminsi bikorwa I Sinai, vyatumye hapfa ahihevyi barenga kuri cumi, n’abatari bake bafashwe. Kuva aho intwaro ya Mahomed Morsi isenyuriwe mu kwezi kwa Mukakaro 2013, abasirikare b’aba islamu bagumanye agashavu, baca bigarurira agace ka Sinai, aho mbere banagize inkingi mu gutera inyubakwa z’abajejwe umutekano w’igihugu ca Misiri.

Ukwo kwiganzura ku butegetsi, bakaba bagukura ku muhari wa Al-Qaida, umurwi Ansar Bayt al-Maqdis ucuditse na Sinai, iyo mihari mbere ikaba yari yaranasavye kugira ibitero mu kurasa ibisasu mu gisagara ca Misiri, hamwe no mu tundi duce tw’igihugu harimwo n’igitero giherutse guhitana ingenzi z’abanyakoreya y’epfo zitatu, n’umushoferi w’umunyamisiri.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.