Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Bari mu matora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Bari mu matora y’umukuru w’igihugu

Misiri : Bari mu matora y’umukuru w’igihugu

lundi 26 Rusama 2014

Mu gihugu ca Misiri bari mu matora y’umukuru w’igihugu, uwahoze ari umukuru w’igisirikare Abdel Fattah al- Sissi yizera ijana kw’ijana ko aza gutahukana intsinzi.

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 26 Rusama ,mu gihugu ca Misiri hatunganijwe amatora y’umukuru w’igihugu. Uwo mugabo w’imyaka 59, Fattah Sissi ubu muri kino gihe yarapasuye(retraite) , akaba arongoye Reta y’imfatakibazna kuva aho batembagarije ubutegetsi bwa mohamed Morsi, yongera aranamufunga amezi 11 ararangiye. Ubu akaba akundwa cane n’abanyagihugu kuva aho atanguye guhiga buhongo abashigikiye Morsi, na cane cane aba frères musulmans.

Abanyagihugu batari bake bo muri ico gihugu ca Misiri babona ko Sissi ari umugabo w’ijunja n’ijambo, ashobora gusubiza ibintu mu buryo inyuma y’imyaka itatu ico gihugu kiri mu mudugararo udasanzwe, hamwe n’ingorane z’ubutunzi zakurikiwe n’itembagazwa rya Hosni Moubarak mu mwaka wa 2011. Ariko rero, iyo Reta y’imfatakibanza, abarwanira agateka ka zinamuntu bakayagiriza ko isumvya gutwaza umukazo intwaro ya Hosni Moubarak.

Tubibutse ko kuva igenekerezo rya 3 Mukakaro, igipolisi n’abasirikare bashe abantu 1400 bashigikiye Mohamed Morsi ,abashika 15000 barafungwa hamwe n’abandi bamaze gucirwa urubanza rwo gupfa.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.