Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Hosni Mubarak agire arekurwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Hosni Mubarak agire arekurwe

Misiri: Hosni Mubarak agire arekurwe

mercredi 21 Myandagaro 2013

Sentare y’i Cairo mu Misiri yategetse ko uwahoze atwara ico gihugu, Hosni Mubarak, arekurwa ivy’agateganyo inyuma y’urubanza yunguruje mu gihe yarerwa igiturire.

Ntibiramenyekana igihe azovira mu munyororo, kuko abashikirizamanza bashobora kwunguruza kuri iyo ngingo, ariko abashingwamanza biwe bavuga ko ashobora kurekurwa ejo kuwa Kane. Sentare yarafashe ingingo yo kumurekura naho hakirimwo amadidane y’umunsi kuko n’uwumuburanira ariwe Fareed-El-Deeb avuga agikekeranya ko hashobora kuba ejo ku munsi wa kane, ariko ko kurekurwa vyo ari ngombwa.

Baburanye bavuga ko agomba kurekurwa kuko yari yarengeje ikiringo umuntu agomba gufungwa ivy’agateganyo, mu rubanza rwa mbere yaregwa kwica abari mu myiyerekano yo kumwiyamiriza. Kuva amaze gushikanwa mu munyororo ivyaha bikomeye bibiri bikaba arivyo vyagumye bisa n’ibimwagira cane harimwo kwica isinzi ry’abantu bari mu myiyerekano, n’ukunyuruza amatungo ya Leta.

Kuva kuri uyu wa gatatu rero, iyo nkuru ikaba ariyo iriko iravurwa n’ibinyamakuru bitandukanye vyo muri Afrika. Abamukuye ku butegetsi mu mwaka w’2011, ndetse n’abandi baburiye ababo mu myiyerekano y’ukumukura bakaba agashavu kaniga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.