Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Igisirikare cateye abashigikiye Morsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Misiri: Igisirikare cateye abashigikiye Morsi

Misiri: Igisirikare cateye abashigikiye Morsi

jeudi 19 Nyakanga 2013

Inzego zishinzwe umutekano mu Misiri zarwanye n’intagondwa zigendera ku mategeko akaze y’idini rya Islamu mu gisagara hafi y’umurwa mukuru Cairo ahiciwe mu kwezi gushize abapolisi 11.

Imboneshakure ya Leta ivuga ko abantu hafi 28 bakekwako kuba intagondwa zigendera ku mategeko akaze y’idini rya Isilamu ubu bafungiwe i Kerdasa. Inyuma y’amasaha menshi ico gikorwa gitanguye, inzego zishinzwe umutekano zagomvye kwikingira mu gihe imirwano yari ikaze.

Mu kwezi gushize abapolisi 11 biciwe ku nzu igipolisi gikoreramwo i Kerdasa, inyuma yaho mu kwezi kwa Mukakaro hatembagarijwe ubutegetsi bwa Perezida Mohamed Morsi ashigikiwe n’abasilamu bagendera ku mategeko akaze y’idini ya Islamu.

Abategetsi ba Misiri bari bamenyesheje abanyagihugu ko hari ico bazakora kuri ico giotero cahitanye abapolisi icumi n’umwe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.