Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Ikirimba c’umukuru w’igihugu kirageramiwe n’ibitero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Ikirimba c’umukuru w’igihugu kirageramiwe n’ibitero

Misiri : Ikirimba c’umukuru w’igihugu kirageramiwe n’ibitero

lundi 30 Ruheshi 2014

Ibisasu biturika ni vyo vyavyutse biterwa imbere y’ikirimba c’umukuru w’igihugu ca Misiri, umuntu umwe niwe yitavye Imana abandi batandatu barakomereka, mu gihe begereje isabukuru y’imyiyerekano yatumye umukuru w’igihugu ca Misiri Mohamed Morsi akurwa ku butegetsi, ibitero vyabihevyi bigamije ubutegetsi biguma vyiyongera.

Ica mbere muri ivyo bisasu caturitse mu gatondo ko kuri uno wa 30 Ruheshi imbere y’ikirimba c’umukuru w’igihugu ca Misiri gikomeretsa abantu bakubura 3. Ikindi gisasu cakomerekeje abapolisi batatu congera gihitana umukoloneli w’umupolisi. Igisasu kigira gatatu catowe mu twatsi two mu kirimba. Ivyo bisasu vyose bishitse mu gihe bariko bagiye guhimbaza isabukuru y’imyiyerekano yatumye haba itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Mohamed Morsi ,yari yatowe n’abanyagihugu.

Mu gihe rero ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu mushasha Abdel Fattah Al-Sissi bukomeje habandanya itotezwa rya ‘abafreres Musulmans hamwe n’abasanzwe bashigikiye Mohamed Morsi, ibitero navyo vy’abihevyi biguma biba vyinshi bitumbera na cane cane abajejwe umutekano.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.