Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Imyaka ibiri iraheze intwaro zihindutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Imyaka ibiri iraheze intwaro zihindutse

Misiri : Imyaka ibiri iraheze intwaro zihindutse

vendredi 25 Nzero 2013

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero 2013,Misiri irahimbaza imyaka ibiri iheze intwaro zihindutse muri ico gihugu,kakaba ari akaryo kubanyamisiri ko kwerekana ingene bakiriye intwaro nshasha ya Mohamed Morsi.

Abanyamisiri bahimbaza imyaka ibiri iheze Mohamed Morsi ashitse k’ubutegetsi,inyuma y’ikurwa k’ubutegetsi rya Hosni Moubarak mu mpera z’umwaka w’2011, mu gihe ico gihugu cugarijwe n’ingorane z’ubutunzi na politike.

Igihugu ca Misiri rero kiracari mu ngorane mu gihe havugwa ko hari intwaro zavuye mu matora,abandi bakavuga ko intwaro ishingiye ku mategeko ya islam. Igihugu ca Misiri kandi gifise ingorane kuko n’ingenzi zija muri ico gihugu zaragabanutse,mbere n’abanyamitahe bazanayo imitahe bakaba baragabanutse.

ElBaradei,umwe mubatavuga rumwe na Leta,yasavye ko muguhimbaza uwo munsi rero,abatavugarumwe na Leta bogira urugendo mu gihugu,mu ntumbero yo kwiyamiriza umukuru w’igihugu Mohamed Morsi n’umugambwe avamwo w’aba Freres Musulmans.

Bitegekanijwe rero ko abantu baza guhurira mu kibanza ca Tahrir,ku mugwa mukuru wa Misiri,imbere y’igoro y’umukuru w’igihugu hamwe no mu bisagara vyinshi vyo mu ntara ya Alexandrie na Assiout.

Inzego z’umutekano zikaba zongereje abajejwe umutekano mu ntumbero yo gukurikiranira hafi uko imyiyerekano iza kuba iriko iragenda.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.