Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Leta mfatakibanza yarahiye icese - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Leta mfatakibanza yarahiye icese

Misiri : Leta mfatakibanza yarahiye icese

mercredi 17 Mukakaro 2013

Leta y’imfatakibanza yagiyeho inyuma y’aho umukuru w’igihugu Mohamed Morsi atembagarijwe ku butegetsi yaraye irahiye icese imbere y’umukuru w’igihugu Adly Mansour, nawe nyene w’imfatakibanza.

Mu barahiye harimwo Abdul Fatah al Sisi yahora ari umukuru w’ingabo za Misiri yarahiye nk’icegera c’umushikiranganji wa mbere n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.
Naho iyo Leta mfatakibanza yaraye irahiye icese, imigumuko irabandanya. Abantu 400 nibo bamaze gutabwa muri yompi mu bari mu myiyerekano yo gushigikira Mohammed Morsi yakuwe ku butegetsi.

Uwahora ari umukuru w’igihugu Morsi yakuwe ku butegetsi n’igisirikare kw’igenekerezo rya gatatu Mukakaro, gishigikiwe n’isinzi ry’abanyagihugu.
Umugambwe Muslim Brotherhood wongeye kumenyesha ko utazoja muri iyo Leta nshasha kugeza igisirikare cisubiyeko ku gikorwa cakoze co gutembagaza ubutegetsi, kikagarukana umukuru w’igihugu Morsi mu mabanga yiwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.