Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Mohamed Morsi yaciriwe umunyororo w’imyaka 20 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Misiri : Mohamed Morsi yaciriwe umunyororo w’imyaka 20

Misiri : Mohamed Morsi yaciriwe umunyororo w’imyaka 20

mardi 21 Ndamukiza 2015

Uwahoze atwara igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi yaciriwe umunyororo w’imyaka 20 na sentare yo mu gisagara ca Kayiro.Mohamed Morsi yagirizwa kuba yarataye mu mvuto mbere akanahohotera ubuzima abari mu myiyerekano banka ikiringo ciwe.

Sentare nkuru yo mu gisagara ca Kayiro yaciriye umunyororo w’’imyaka 20 Mohamed Morsi, uwahoze atwara igihugu ca Misiri. Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi mu mwaka w’2013 n’umukuru w’ingabo w’ico gihe General Abdel Fattah al-Sissi, mbere ubu akaba ari we yaciye aja ku butegetsi abanje gukuraho abo batavuga rumwe.

Mohamed Morsi yagirizwa ivyaha vyo gupfunga no guhohotera ubuzima bw’abari mu myiyerekano banka ko asubira kubatwara mu gihe yari kubutegetsi mu mpera z’umwaka w’2012. Sentare ikaba yahevye icaha c’ubwicanyi ku bantu babiri bari mu myiyerekano hamwe n’umumenyeshamakuru biciwe imbere y’ingoro ya Mohamed Morsi, aho abantu batari bake n’amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu yararindiriye ko acirwa urwo gupfa nyuma y’ubwo bwicanyi.

Mwomenya ko abari bagize umugambwe wiwe harimwo n’indongozi zikomeye baciriwe nabo nyene umunyororo w’imyaka 20, mbere nabo bakaba bakuweko icaha c’ubwicanyi.

Umushingwamanza wa Mohamed Morsi yamenyesheje ko bagiye guhamagaza urubanza.

General Abdel Fattah al-Sissi,perezida wa Misiri

Lorene Nubwabo

Messages

  • No Muburundi Peter Azovakuntwaro Ace Aja Mugasho Akamaremwo Igihe Kinini Ataracirwa Urubanza Nkakumwe Babigirira Abandi, Hama Bamucire Umunyororo Atazopfa Amaze. Izo Nzirakarengane Ziri Mumyiyerekano Zizomuhumira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.