Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Perezida yakuwe kubutegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Perezida yakuwe kubutegetsi

Misiri: Perezida yakuwe kubutegetsi

jeudi 4 Mukakaro 2013

Igisirikare c’igihugu ca Misiri, caraye gikuye ku butegetsi, perezida Mohamed Morsi, yari yatowe, biciye mu nzira ya demokrasi, igisirikare kikaba cagenye perezida nfatakibanza inyuma y’imyiyerekano ikomeye y’ukwiyamiriza Leta.

Umutegetsi mukuru w’igisirikare, Abdul Fatah Khalil Al-Sisi,

Mw’ijambo yashikirije ku muhingamo w’ejo ku musi wa gatatu, Umutegetsi mukuru w’igisirikare, Abdul Fatah Khalil Al-Sisi, yatangaje kw’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Misiri ryahagaritswe, umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro akaba yagenywe kuba umukuru w’igihugu w’infatakibanza.

Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Misiri, Abdul Fatah Khalil Al-Sisi, yatangaje kw’igisirikare citavye akamo katewe n’Abanya Misiri, inyuma y’imyiyerekano ikomeye yasaba ko perezida Mohamed Morsi atanga imihoho.

Inyuma y’ijambo rya Khalil Al-Sisi, kuri televiziyo, perezida Morsi yarasohoye itangazo, ku kibanza ciwe ca Twitter, aho yatangaje kw’ingingo y’igisirikare, ari coup d’etat.

Yasavye Abanya Misiri kwiyamiriza ingingo y’igisirikare, yamara yabasavye gutekana.

Umutegetsi mushasha nfatakibanza w’igihugu ca Misiri ni , Adly Mansour, umutegetsi mukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro aza kurahira uno musi ku wa kane.

Umutegetsi mushasha nfatakibanza w’igihugu ca Misiri , Adly Mansour

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.