Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Umushikiranganji w‘intwaro yo hagati mu gihugu yarokotse mu gitero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Umushikiranganji w‘intwaro yo hagati mu gihugu yarokotse mu gitero (...)

Misiri: Umushikiranganji w‘intwaro yo hagati mu gihugu yarokotse mu gitero c’abihevyi

jeudi 5 Nyakanga 2013

Abashigikiye Morsi hamwe n ’abatavuga rumwe n ’ubutegetsi bwa Morsi muri Misiri, batanye mu mitwe. Umushikiranganji w ‘ intwaro yo hagati mu gihugu, Mohamed Ibrahim akaba yacitse kw ’icumu mu gitero c’abihevyi i kayiro mu Misri, rikaba ari irya mbere bibaye mu Misiri haraheze imyaka itari mike.

Inyuma yaho abashigikiye Morsi baburagijwe abenshi mbere barahasiga ubuzima hagati y ‘ukwezi kwa Myandagaro ,n’ubu isotorana ntirirahera hagati y‘abashigikiye Morsi hamwe n’igipolisi. Bakaba biyamiriza iryo hohoterwa ,kubwa bernard Kouchner ,iryo hohoterwa ngo ntaryo bemera na gato ,imishamirano mu gihugu ca Egiputa yaratanguye kandi birakomeye uko bitigeze kubaho.

Mu gihe c’isaha zibiri n’igice, bateye imiduga yariko iregereza urugo rw ‘umushikirangaji w ‘intwaro yo hagati mu gihugu i Nasr City. Ivyo rero bigatuma Leta ishavura cane na rirya yari yiyemeje kugarukana umutekano .N ‘aho abo ba freres musulmans babandanya iterabwoba ivyo ntikizobuza ko Leta ihagurukira abo bose bakora iterabwoba kandi ntizokwihanganira umuntu wese agerageza guhungabanya umutekano w ‘igihugu gushika ibintu bisubiye mu buryo vyamenyeshejwe n’ibiro vyo muri ubwo bushikiranganji. Kubwo abarongoye inzego zimwe zimwe z ‘ubutungane, aba ofisiye 10 nibo bakomerekeye mu bitero vy ‘abihevyi.

Mu gihe yabimenyesheje ivyo bisasu bihejeje guturika, Mohammed Ibrahim ubwiwe yagabishije abo bose borota bakora iterabwoba. Uwo mushikiranaganji akaba aguma aronka ubutumwa bwo kumutera ubwoba.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.