Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Umwigeme yafashwe ku nguvu mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Umwigeme yafashwe ku nguvu mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu (...)

Misiri : Umwigeme yafashwe ku nguvu mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha

mercredi 11 Ruheshi 2014

Amasanamu y’umunyeshure yafashwe ku nguvu agakubakurwa n’umurwi w’abagabo mu gihe hariko haraba ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu ca Misiri Fattah al sissi, yerekanye neza na neza ingorane yo guhohotera abakenyezi yabaye ndanse muri ico gihugu.

Amasanamu yaciye ku rubuga ngurukanabumenyi, y’agakobwa kariko karakubagurwa, biboneka ko yafashwe na terefone ngendanwa, akaba yerekana uwo mwigeme yahohotewe. Ivyo bikaba vyabereye hagati y’isinzi ry’abantu bitavye ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha Abdel Fattah al-sissi, bakoraniye mu kibanza Tahrir mu Misiri.

Mu mashirahamwe asanzwe arwanya amabi ajanye no gufata ku nguvu bamenyesha ko vyabaye ndanse muri kino gihe, ndetse bakabona ko risa n’iterabwoba rifatiye ku gitsina (terrorisme sexuel ). Nk’uko muri ayo mashirahamwe babivuga, ibintu nk’ivyo vyarigeze kuba mu mwaka w’2012. Kubona vyasubiriye rero, n’uko Reta ibifata minenerwe, nk’uko bibandanya bishikirizwa n’ayo amshirahamwe arwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Mu ndwi iheze bari mu birori vyo guhimbaza intsinzi ya Sissi, abantu bashika kw’icenda nibo bahohotewe, uwundi mukenyezi yaraturiwe n’amazi ashushe n’abagizi ba nabi 3 bamwambuye impuzu, imbere y’uko bafata n’akana kiwe k’akigeme.

Abategetsi b’igihugu bamenyesha ko bamaze gufata cumi muri abo bagizi ba nabi. Igihugu ca Misiri, mu kwezi guheze, caratoye itegeko rihana abakora ubwo bubisha, bakaba bategekanya ibihano n’ihadabu, hamwe n’umunyororo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.