Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Urubanza rwo gupfa rwaciriwe abantu bagera ku 700 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Urubanza rwo gupfa rwaciriwe abantu bagera ku 700

Misiri: Urubanza rwo gupfa rwaciriwe abantu bagera ku 700

lundi 28 Ndamukiza 2014

Umukuru w’umuhari w’abislamu (les Frères musulmans) muri Misiri, Mohamed Badie
yaciriwe urubanza rwo gupfa co kimwe n’abandi bagera ku 700 bashigikiye Mohamed Morsi yakuwe ku Butegetsi.

Kuri uyu wa mbere niho urwo rubanza rwasomwa na sentare yo mu gisagara ca Minya. Muri abo baciriwe urubanza 153 bonyene nibo bafunzwe, abandi bari mu buhungiro. Ivyo bibaye mu gihe haheze ukwezi, iyo sentare ihinduriye igihano abarenga 500 bayoboka uyo muhari; bavuye ku gihano co kwicwa babacira ico gufungwa ubuzima bwose.

Muri Myandagaro mu 2013, harabaye imyiyerekano mu gisagara ca al-Minya, yagizwe
n’abashigikiye umukuru w’igihugu yahahora Mohamed Morsi. Ikaba yararanzwe n’intureka zahavuye zituma abajejwe umutekano babiri bicwa n’ibintu birononekara. Ivyo vyaha bikaba vyagirizwa abarenga gato 1200. Kuri uno wa kabiri, bikaba bitegekanijwe ko harenguka abandi 700, bari mu muhari waba Frères musulmans kandi bashigikiye Morsi.

Twobibutsa ko Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro mu 2013. Kuva ico gihe abamuyoboka, bagwiriyemwo abo mu muhari waba Frères musulmans, baragira imyiyerekano mu ntumbero y’uko asubizwa ku butegetsi. Uwo muhari ukaba warashizwe mu rutonde rw’imihari y’iterabwoba n’inzego zo muri Misiri.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.