Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mohamed Morsi azokwitaba ubutungane ku wa 9 Kigarama - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mohamed Morsi azokwitaba ubutungane ku wa 9 Kigarama

Mohamed Morsi azokwitaba ubutungane ku wa 9 Kigarama

mardi 12 Munyonyo 2013

Uwahoze ari umukuru w’abafrere musulmans, Mohamed Badie Morsi hamwe na bamwe mubari mu bakuru b’uwo muhari w’abislamu, bazorenguka imbere y’ubutungane kw’igenekerezo rya 9 Kigarama kugira biregure kuvyo bagirizwa kuba baratumye hagandagurwa abari mu myiyerekano (incitation à la violence et au meurtre de manifestants) mu kwezi kwa Mukakaro, nk’uko vyamenyeshejwe kuri uno w’Imana na sentare yo muri Misiri.

Sentare y’intango y’i Kayiro yamenyesheje ko Mohamed Morsi hamwe na bamwe mu barongozi b’abafreres musulmans bategerezwa kwitaba bisigure ku birego bagirizwa ko batumye kugandagura abariko bagira imyiyerekano.
Abantu 5 akaba aribo bitavye Imana, hamwe n’abarenga 100 bakomeretse mu mishamirano yo mu kwezi kwa Mukakaro muri uno mwaka hagati y’abashigikiye umukuru w’igihugu Morsi, hamwe n’abajejwe umutekano.

Mohamed Morsi Badie afise imyaka 70 yahagaritswe ku genekerezo rya 20 Myandagaro mu gihe haba imishamirano hagati y’igisirikare hamwe n’abayoboke ba Morsi.
Morsi yatembagajwe ku butegetsi hanyuma aca arahagarikwa n’igisirikare.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.