IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Moise Bucumi aremeza ko hari inkoho zatanzwe mu makomine agize (...)

Moise Bucumi aremeza ko hari inkoho zatanzwe mu makomine agize igihugu

mercredi 24 Ruheshi 2015

Moise Bucumi yahoze ari mushikiranganji w’ibikorwa vya Reta akaba, umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Buramatari w’intara ya Ruyigi hamwe n’ umushingamateka mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, aremeza ko hari inkoho zatanzwe mu makomine atandukanye y’Uburundi.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC kuwa kabiri igenekerezo rya 23 Ruheshi,Moise Bucumi amenyesha ko inkoho 20 arizo zatanzwe kw’ikomine yose irimwo abantu benshi badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,mu gihe inkoho zine z’atanzwe kw’ikomine yose irimwo abantu bake badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Moise Bucumi yavuze ko avuga ko umukuru w’igihugu wenyene ubwiwe afise uruhara mu gutanga ivyo birwanisho, akamenyesha ko mbere y’anamuhamagaye kugira amwumvishe ko yomushigikira ku bijanye n’ico kiringo, gutyo akazomunezereza bamaze gutsinda amatora.

Uwo mushingamateka mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya amenyesha kandi ko n’uwahoze arongoye igendereza General Adolphe Nshimirimana babonanye akamubwira ko umukuru w’igihugu yemeye kumuterera kugira izo nkoho ziboneke.

Ku bwa Moise Bucumi,izo nkoho zari zateguwe gukoreshwa kuva imbere y’amatora,mu ntumbero yo kwigiza hirya uwo wese adashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Moise Bucumi avuga ko,nimba batabivuze bakiri mu gihugu,ari uko batinyirira umutekano wabo,akavuga ko kubona vyaravuzwe mu nama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ari uko babivuze ariko bamaze guhunga igihugu.

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru,avuga ko ivyashikirijwe na Moise Bucumi ari ikinyoma cambaye ubusa,kuko atigeze abivuga akiri mu mabanga.

Willy Nyamitwe akavuga ko Moise Bucumi yatyoje umugambwe,ubutegetsi,umukuru w’igihugu,hamwe n’igihugu cose,gutyo agategerezwa kuzokubitwa intahe mu gahanga.

Messages

  • OYA NIMBA ARUKO BIMEZE TURAGOWE KANDI URUMVA IZO NKOHO NTACO ZIRAKORA URUMVA AKATARAZA KARAHINDA.

  • ahubwo nabazwe urupfu rwaAgnesDoully kukoniweyamwishe yongeramusahura amafranga yar afise.

  • MBE WILLY WIBAZA KO ARIWE UZI UBWENGE GUSUMBA ABANDI WIZE AMASHURE ANGAHE? WARASHAJE KWELI NUTANGE MIHOHO.

  • uwo nyamitwe nareke kubesha kumurango riva non igihe babitanga ntivyavuzwe? ahubwo barakwiye kumufata atagisabwe kuk ivyavuga nimitwe gusa nkuko yitwa emweyemwe izina niryo muntu peee!

  • Mbega Inma nshingamateka ya Afrika ikorera hehe? Moise Bucumi yauigiyemwo ryari, arungitswe na nde? Sivyo gusa, mu nkuru mwanfitse ko ndetse ari no munama nshingamateka ya Buraya!! Aserukira igihuhu ikihe? Uburundi? Iyo kuru yanyu iteye amakenga nkivyo nyene Moise Bucumi ashikiriza. Ikubite agashi mureke kuja murashikiriza inkuru atari zo kandi ziteranya bene Burundi. Uwunaniwe aha nagende ashinge umugambwe hama aje ku rubuga ahiganwe n’abandi. Akarimi konyene ntahongashikana.

  • NIBINDI BIRINYUMA URAMVYE YUMVA MFYISHI BARAHAYE BAMENYEKANA UMUTI WATANGUYE GUKORA PEEEE HAAAAA HIHIII

  • Muvyitondr.kumbur nagashavu kubona bamukuy muri cndd-fdd.cank arimubabitanz.uwomukorerako yotanga umuco wubaka.

  • NIBAGUME HAMW IVYABO BIGIYE KUJA AHABONA!!! WE NYAMITWE WEWE N’IZINA RIRAKURANGA SHA!!! MWE NIMURINDIRE!!!BIDATEVYE IMANA IGIYE KWISUBIZA ICUBAHIRO!!!UKURI KURIMWO KURAZA!

  • None moise avuga ukuri?canke avuga ikinyoma.kuko biragoye gutahura kwatabishikirije akiri kubutegetsi.kuko uwurondera ubuhungiro arondera ivyo avuga kugira bamwemerere ubuhungiro kandi bisabakuvuga nabi kiryagihugu uvamwona.rero ivyontibitangaje.Afrika y’epfo turayizi.moise icowomenya nahowovuga ibinganagute ntabwenegihugu uriko uraronka muri Afrika y’epfoooooo.Abarundi turazinanyeeeee

  • mbega mu Bdi uwuvuz ukuri ni baca birukako.ewee ba D D,mwarahinyutse.Reka abazukuri batabariz abatabiz.musa gumakumuheto kko izonkoho harigih zobahindukirira.Imana irabona.barundi nahacu tukamenya icotwokra nay’ubundi izonkoho ziraduhitana.

  • mbega mu Bdi uwuvuz ukuri ni baca birukako.ewee ba D D,mwarahinyutse.Reka abazukuri batabariz abatabiz.musa gumakumuheto kko izonkoho harigih zobahindukirira.Imana irabona.barundi nahacu tukamenya icotwokra nay’ubundi izonkoho ziraduhitana.

  • Nyamitwe bizogutekurukana sh ikinyoma nicakubitirwa ahashashe!

  • Barundi Barundikazi Namakungu.. ntibibatangaze ivyo bu10 avuga.ahahah ivyovyose abivuga kugira bamwemerere ubuhungiro wewe yibaza kwavuze vyishi azoca aronka ubwenegihugu.yoooo shemu.ahoo uzoho nipamenti gushika ntanasyati uzoronka.vuga uti ubundimpunzi.ntakindi.....

  • ABOBA.DD.NABICANYI.INTWAROYABO.YARANZWE.NUBWICANYI.GUSA

  • ABOBA.DD.NABICANYI INTWARIYABOYARANZWE NUBWICANYIGUSA

  • EREGA BURYA NA NYAMITWE TUMURINDIRIYEKO VYISHI AZOTUBWIRA NIYAMARA KUVA MUMABANGA.NUKO AKIGUMIJE IBONDO .

  • ndashigiyeruwinyamitweuwomugabobucimi vyamunanikuhanganaivyavugaarabifiyeubuhanyaahubwonibamufate azeazerekane nambaariweyazitanze avugankuwuziahozi nazake aboyazihaye ndashigiyeruwinyamitweuwomugabobucimi vyamunanikuhanganaivyavugaarabifiyeubuhanyaahubwonibamufate azeazerekane nambaariweyazitanze avugankuwuziahozi nazake aboyazihaye azibake

  • Ni mukosore iri kosa riri muri iyi article: Ntabwo ari umushingamateka muri UA canke UE.Nibazako mwashatse kuvuga EAC.
    Nayo ni:Inama Nshingamateka y’Ibihugu vya Africa y’Ubuseruko.
    Ibisigaye KURYA GELASE avugako mumugambwe iwabo ikintu cooose kiza kijanye n’umutekano bagikurikiranira hafi NIKO NIKI abandi bafise uburenganzira bwo kugikurikiranira hafi. Bibaye ari ibihuhavyoba ari sawa.

  • turindiriye ubunaho ko atubwira amazina yabazihaw ukabafata bataramara inzirakarengane mbega abicanyi!!cndd fdd nankurunziza wabo.kumbe?? urakoze mana bandanya ugaragaza abicanyi

  • EMWE NDABABARIRA IMANA IRAKUNDURUNDI NIBINDI BIZOMENYEKANA NONE MWOVUGA KUWO ATABIZI? AMAKUNGU NAHAGURUKEKE ADUKURE KWABABICANYI BATARATUMARA

  • EMWE NDABABARIRA IMANA IRAKUNDURUNDI NIBINDI BIZOMENYEKANA NONE MWOVUGA KUWO ATABIZI? AMAKUNGU NAHAGURUKEKE ADUKURE KWABABICANYI BATARATUMARA NAYO AKOKAGABO NYAMIWTE KARASHAJE MBERE NUMVIJE IVYAVUGA UMENGARAGWAYE MUMUTWE KUKO NTAKU IVYERA KOBIGIRIVYIRABURA IVYIRABURA KAKABIGIRIVYERA NYAMITW UZOMERA NKAYANYOMDWI

  • Nigishasha bucumi yabay umushingamatek wafrica yubuseruko kuva ryar?nyamba aserukir barya birukanw mumugambw jew nkaho mpererey umutekano niwos ahubwo usanga basigay bakoran na societ civil na rwasa

  • Abantu bameze nkuwo Moise Bucumi babaribabicane Ku mutima kuko ntahobataniye nuwugenda ahantuharabantubeshi agashiramwo igisasu noneho akacugurura akaregera iminota kizaguturikirako agereranije nuko abona azakubayamaze kuhava. Nawerero ngosinarikubivuga nkiri Burundi acayiyibagizako hariho abarundibandi barimugihugu bisigurako avugati namazegukuramwo akarenge rekamvuge ayamuhe bashaka abariburundibose bahone!.

  • AHUBWO NI BAMUFATE HAMWE YICISH,ABANTU MU RUYIGI AKAVUGA KO *IKIGA GISA N,IKINDI BIRYA K,ATABISAVYEKO IMBABAZI CEMUBONA AMAHINYU ABAPFA KWANDIKA NABO BEMUBANZA MWIGE NO KURI KAHISE K,UMUNTU MUREKE KWANDIKA IBISANZWE MU MITWE YANYU MBE IMIGUMUKO YABASIZEMWO IMIGERA YUKO UBUTEGETSI BWOSENYUKA TESHWA MUTE.KIRIMWABAGABO

  • Haaaa Ivyafarawo Bigiye VyamenyekanaNimbonerakureziwe Muraturabire Ntaturengane Imbibezigihugu Tugiye Kuzomubaza Amabi Yakoreye Igihugu Nabanyagihugu Kuko Amaraso Yababikira ,nabandibanyagihugubenshi Batkegwamumagunira Bagatabwa Munzuzi Arikwaratakambira Imbereyimana

  • Ewe Nyamitwe Burya Rero Muzoteba Muhinyuka Muriba Ko Hari Ibintu vyova Hiyo Ibujumbura No Hiyo Mumisozi Ntivyigere Bimenyekana Ivyo Ntibibaho Namwe Muravyivugira Mwibaza Ko Mwese Muri Abagumyabanga Burya Benshi N’#ibimenabanga.

  • Imana irinde abarundi kuko abanyapolitike bobo mbona akazi kabananiye kweli,kandi abo ba Willy Nyamitwe mbona ko ari ibijuju cane,simbona ingene bokwemera kuba abaja ba Peter na Adolphe bakiyambura agashambara,naco nibatemba mumenye ko muzotembana,urwo bazocibwa nirwo nawe uzocibwa,mbe nirwakamba muzohungirahe gayemwe???murateye agahindapee

  • Mana tabara abarundi uturwanirire twebwe turananiwe niwe twitezeko ugutabarwa

  • ivyo bari bagambiriye bagira babishikeko ariko ntanyungu iri mugusesa amaraso gahini ntamahoro yigeze aronka kubwamaraso ya abel yasheshe imbere yimana harurubanza ninde azokwubahuka guhagarara imbere yinyonga zimana? mwibaze uko bizoba bimeze

  • nibwo nabona abaturage batinya amatora!!kurya mwamenyereye gutegekwa na coup d’etat!!!uko mwari muyishimiye niko mwagombye no kwishimira amatora,mukayigenzurira mbese igihugu ni icyanyu,mukereka uwo nkurunziza ko mutamushaka murayo matora,naho abo ba bucumi bategereje imyanya mu nzubacyuho barabona biri kubarengana nibareke kwandavura batera ubwoba abaturage!!!!

  • Ewe nyamitwe henda nyene ushaka guhendwa canke ikijuju, wewe niwahunga uzovuga ibiruta ivyo, nuko nyene muri muri projet imwe na Pita yo gukora ikibi.

  • UWO MOISE NAREKE KUDUSAMAZA BANA...MBEGA KO ATAVUGA KO YATANZE NABO BARIKUMWE AMAGRENADE BE NINKOHO ZO GUFASHA MURI COUP D’ETAT...!CYRILLE GEN DECHU YARAMAZE KUBIVUGA UBU VYARAMENYEKANYE.
    ABO BA MOISE,PACIFIQUE,LEONIDAS,APRODH,VITAL,BARANKITSE ALIS MAGGY.....9 MILLIARDS MWATANZE ZARARIWE...MURAZOTWONGERA IZINDI TWIRIRE KUKO CNDD FDD IZOTWARA MYAKA NA MIRERE.
    WILLY NYAMITWE URASHIMA UKUNTU UGUMA UGUMA UHUMURIZA ABENEGIHUGU.IRAMBIRE.

  • Hahahahaaaaaaa.muburundi vyanse.Mana tabara uburundi.abarundi twarHahahahaaaaaaa.muburundi vyanse.Mana tabara uburundi.abarundi twarushe.

  • Bucumi reka gucumura kandi kuko ivyaha ufise ninkivy’ingurube abantu wamaze wica mubunyuro wibazako ari inka uriko urabaga? mbega ko uriko uravuga nkuwugomba gupfa wibazako ivyo bizokwijana tekereza flambeau yarakunaniye politike irakunaniye genda mbabajwe nabakwise umushingamateka nyamba uyashinga muri rumpungwe

  • Moise Bucumi Iy Nkur Yatanz Nibaz Ko Atovug Ivy’itaz Nihamw Gus Iyintwar Dufis Uvuz Ukur Uc’ukuzir Ark Turizeyek Iyintwar Igiy Guhinduk Bitarenz Une Semaine Guk Petero Nkurunzi Twamuhaz.

  • Mbe Nyamitwe Uzovuga Ukuri Ryari Reka Abakuzi Bakuvuge Kuko Bizohinduka Ibwa Ironderwe

  • IVYO BAVUGA SIVYO KUBERIKI ATABIVUGIYE MU BURUNDI?

  • Abo ba dd abarundi badahagur uts ngo bigwanir babon ko atabutegetsi bafis

  • Ico kirwarudubi aribuka abazungu babandi bishwe muruyigi ari buramatari ubu rero ngo ni umweranda uwasheshe amaraso wese azobihanirwa naho hatoba ubu ariko Imana ntaco Tubi ijwe.

  • IGIHUGU CYOSE KIRI KU ISI
    HATAGIRUMUYO BOZI YIMA
    NIKA HEJURU YABOYOBO
    ZI BANDI KUKO ABATUYISI
    BEGEREJWE NAKAGA BOS
    E, DORE NKI BURUNDI HAR
    AKAZI KOGUSUZUGURA UB
    UYOBOZI,BAMWE MUBUBA
    TSE INZU BARIMO KWISE
    NYERAHO BAGAHITA BAH
    UNGA IGIHUGU, MAHANGA
    MWUMVA IBYIBURUNDI J N
    EMEZA KO UBUKENE KUBI
    NJIJI NOGUSUZUGURA,AR
    IBIMWE MUBYO ABANYEPO
    LITIKI BATUBAHA UBUYO
    BOZI BUHARI ARIBYO BA
    RIGUKORESHA IBISHOMER
    I NABANWARUMOGI NIBI
    YOBYA BWENGE BINDI HA
    MWE NABIBESHA NGOBAR
    IMO KWIGA NAHO BIGUBW
    ICANYI GUSA,KUTUBAHA.
    NIBINDI BIBI GUSA AGAHE
    RA KABAYOBORA AMASH
    AKAYINJIJI ZISUZUGURA
    RETHA NIKOKARIMO GUKO
    RA NDETSE BAHABWANU
    BUFASHA BWOGUKORIBIBI
    BITANDUKANYE MUMPUNZ
    I,NOMUBANDI BOSE BASH
    AKA AGAHERA KOKWUNG
    ANIRA IBYUBWIGOMEKE,
    ARIKO RERO MWANJIJIMW
    E,MURIBESHYA AMATORA
    ,ARABA BICIYE NOMUGUS
    ENGA,NA YESU ARABYE
    MERA MWIKWIRUHIRIZA UB
    SA,MUSABE AKANDI KAZI
    MUKORE AHANDI MWARA
    PHUYE MWARARUHIJWE,

  • jewe nibaza ko atihenze kuvuga uko kubera yarabizi kuko yarumwe muribo ndababazwa cane ingene abategetsi bahindukanye aribamwe birababaje cane

  • BARUNDI BARUNDI KAZI NSHUTI Z’UBURUNDI ,

    MBANJE KUBASUHUZA MBIFURIZA AMAHORO Y’IMANA.
    IGIHE CYO GUKORA NABI KIRAGERA UGAKORA NABI ARIKO NTUZIBAGIRWE KO NYUMA Y’IBIBI HAZA IBYIZA

    NI MURI URWO RWEGO UMUNTU WESE UGIRA NABI EJO AZASIMBURWA N’UGIRA NEZA MAZE BIMUTERE ISONI AHO AZICUZA AVUGA ATI <<KUKI IGIHE NARI MURI UYU MWANYA NTAKOZE GUTYA BIKABA BIRI GUKORWA N’UWO NAGIRIYE NABI >>

    KDI NGIRA MBABWIZE UKURI KO UMUNTU WESE AZABAZWA IBYE NTAWUZAVUGA NGO NI URIYA WANSHUTSE GUKORA IBI KUKO BURI WESE AZI GUTANDUKANYA IKIBI N’ICYIZA.

    MUZIGIRE K’U RWANDA HARI ABANTU BISHE ABANDI NGO BABIBWIWE N’ABANDI
    ARIKO NTIBIBUZA KO ICYAHA ARI GATOZI KDI NTIMUZI HIRYA Y’EJO UKO BIZAGENDA NDABIFURIZA KO MUTAGWA MU RUZI MURWITA IKIZIBA

    NDANGIJE MBIFURIZA KUGIRA URUKUNDO UKABONA KO AMARASO AVA MU KUBOKO KWA MUGENZI WAWE NAWE ARIYO UVA.

  • NUKURI AKABAYARABESHE!NIBAMUBESHUZE.NIBASANGARIVYO NAHANWE HISUNZWE AMATEGEKO AHANA ABAVUGURUSAKU

  • AYAYA.ABACANGWA
    NUBUYOBOZI BWA NYENI
    CYUBAHIRO PHITA PETER
    O NKURUNZIZA PLEZIDA,
    OF BURUNDI NINDI MITAK
    O IMUKWIYE.MUREKE MBA
    BWIRE,NDASHYIMA CYANE
    IGISIRIKARE CYIGIHUGU C
    YUBURUNDI NKUYEMO BA
    MWE BATAZI KUBA UMUSI
    RIKARE WIGIHUGU ICYARI
    CYO.ABISOBANUKIWE MU
    GISIRIKARE CYUBURUNDI
    MUKOMERE PE,MURUSHIRI
    ZE KUMENYA UBWENGE B
    WO KURINDA UBURUNDI
    ABAMAZE GUSENYUKA IM
    ITIMA YABO BAKIFUZA G
    USENYUBURUNDI BOSE BA
    VEMO BAGENDE BAZERE
    RE NKINZOKA.ARIKO BAB
    E BATANZE AMASOMU KU
    BASIGAYE,IGIPOLICE GIK
    OMELE KUMUTEKANO GIF
    ATANIJE NABANYEGIHUG
    U.HEJURU YUBURUNDI HA
    RUKOMEYE KURUTA ABAN
    TU ARINZE UBURUNDI NA
    BABUBAMO,IKUZIMUNAHO
    HARI UYOBOYE ABIFUZA
    GUTEZA KAVOYO MUBU
    RUNDI NAHANDI HOSE KU
    ISI,ARIKO WAMUTEZAKA
    VUYO WE!GIHENOMU YAT
    EGURIWE RUSHOFERI WA
    WE IBARI HAFI MWESE, Y
    O MUZA YIHUNGIRAHE??

  • birabaje cane kubona abantu twari tuzi ko ari incabwenge zahindutse abakehabwenge. Bucumi ukwiye kwama wibuka ko ivyo uvuga bitakubereye na gato.

  • Ivyobintu vyose aba cdd FD muri ko mukorera abarundi wumveko bizobakorako kandi ntamuntu yovuga ububeshi kuko polike simwe muyizi mwenene nimwice abarundi mubaheze

  • Yitwa Alain Desire Karorero yubahutse abeshuza ko Moise Bucumi atigeze aba umushikiranganji w’ubutare n’agataka.Barundi barundikazi mwese mukurikiranira hafi ivyo Uburundi uwu muntu mumushize mu ruhande uruhe? ni umurundi canke n’umunyamahanga? wigize inkubisi y’amazirantoki urakubita akagutarukirako!!! wagomvye kwerekana ko uciye ubwenge uzi ivyo UBURUNDI none urasenzwe aho nta soni wiyita incabwenge!!! gerageza mureke guhuruduka ico nico cishe abantu batagishobora kuvugisha ukuri kubera bafise ivyo barondera vyuzuzza inda zabo. Imbere yo gutosora mugenzi wawe banza witosore nawe!!!! Karorero abandi bahora bavuga ngo izina niryo muntu none wewe birahushanye uratanze akarorero kabi ntanuwogufatirako atagomba kugwa mu kaga. subira ubaze neza ingene abashikiranganji batwaye ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bagiye barasubirizwa GARUKANA AKENGE!!!!

  • ICOMBONA ABANTU BAHUNZE UBURUNDI BOREKA KUBUCAFUZA, GUKO IVYO BABIKORA KUGIRA BARONKE UBUHUNGIRO. MBE KOBATABIVUZE BAKIRI MUBURUNDI KUGIRA BAKINGIR IGIHUGU? IVYO RERO SIVYO.

  • Moise Urabesha Kuki Atabivuga Mugihe C’amatora ,ko ari Inyuma Y,igihugu ,ivyo Nibinyoma Ntukunda :uburundi,na Benewanyu Ushaka Kuturyanisha Tsindwa Wemere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.