Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Monaco : Umwamikazi Charlène agiye kuronka ikibondo inyuma y’imyaka 3 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Monaco : Umwamikazi Charlène agiye kuronka ikibondo inyuma y’imyaka 3 (...)

Monaco : Umwamikazi Charlène agiye kuronka ikibondo inyuma y’imyaka 3 yubatse

dimanche 1er Ruheshi 2014

Urukurukuru rwari rumaze igihe ruvurwa i Monaco ko umwakimazi Charlène yoba yibungenze, rwashizwe ku mugaragaro. Mu mpera z’uno mwaka w’i 2014 bakaba biteze kuronka ikibondo.

Nkuko amakuru ava mu kirimba c’i Monaco yabitangaje kuri uyu wa 30 Rusama 2014, umuganwa Albert wa kabiri n’umwamikazi wiwe Charlène, biteguriye kuronka ikibondo mu mpera z’umwaka w’i 2014.

Urukurukuru rwuko umwamikazi Charlène yoba yibungenze rukaba rwari rwatanguye kuvurwa i Monaco kuva aho baboneye atanguye kumererwa nabi. Ariko bikaba bitari bwashirwe ahabona gushika abo ku kirimba iwe babishize ahabona.

JPEG - 59.5 ko
Umwamikazi Charlène hamwe na Albert de Monaco

Iyo nkuru nzinza ikaba igiye gukwiragizwa mu miryango y’abami hose igiye kuzokwakirwa uwo muganwa mushasha agiye kuvuka. Mu gihe hari hamaze iminsi yavurwa ko Albert na Charlene boba bagire bahukane.

Mukibuka ko kuva aho Albert wa kabiri na Charlene kuva aho bubakiye urwabo mu mwaka w’i 2011, abatari bake bari biteze umunsi bazoronkeramwo ikibondo.


BUKURU Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.