Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Monica Spear Mootz yagandaguranywe n’umugabo wiwe bari mu karuhuko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Monica Spear Mootz yagandaguranywe n’umugabo wiwe bari mu karuhuko

Monica Spear Mootz yagandaguranywe n’umugabo wiwe bari mu karuhuko

mercredi 8 Nzero 2014

Monica Spear Mootz ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Thomas Henry Berry batowe ibiziga, inyuma yaho baviriye mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika aho basanzwe baba bakaja mu buruhuko mu gihugu ca Venezuela.

Monica Spear Mootz yigeze gutorwa kuba umwigeme mwiza kuruta abandi mu gihugu ca Venezuela mu mwaka w’2004, ari kumwe n’uwo bubakanye bakaba barashwe amasasu ariko akana k’akigeme kabo k’imyaka itanu ko kakaba karokotse, mu gihe barwa mu minwe y’abicanyi b’abamayibobo muri quartier yitwa Carabobo aho nyene mu gihugu ca Venezuela.

Igiporisi n’ubutungane bwo muri ico gihugu ca Venezuela bikaba vyamaze gutangura amatohoza ku bijanye n’urupfu rw’izo ngenzi, ziciwe mu muduga zarimwo, igihe wari wagize akagorane barindiriye ko baronka uwuwubakorera. Monica rero akaba yari asanzwe akorera imboneshakure yo mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika yitwa « Telemundo ».

Monica Spear Mootz ari kumwe n'umutambukanyi wiwe

Tukaba twobamenyesha ko Monica Mootz Spear yitabiriye amahiganwa incuro nyinshi z’abigeme beza, ndetse akaba yarigeze no gutorwa nk’umwigeme mwiza mu gihugu ca Thailande. Akaba yari yaranakinye mu mareresi atari make, nka « Mi prima Ciela » na « Pasión Prohibida ». Uyo mupfasoni rero akaba agandaguwe ku myaka 29 gusa y’amavuko, mu gihe umunega wiwe yagandaguwe afise imyaka 39 y’amavuko. Igihugu ca Venezuela bagandaguriwemwo, kikaba ari igihugu gisanzwe gifise uturwi t’urwaruka rwihereza ibayayuramutwe cane, maze tugahungabanya n’ubuzima bw’abanyagihugu, ku buryo abantu benshi bama batowe ibiziga kubera utwo turwi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.