Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mourinho yagarutse kumenyereza Chelsea - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Mourinho yagarutse kumenyereza Chelsea

Mourinho yagarutse kumenyereza Chelsea

mardi 4 Ruheshi 2013

Umumenyereza ava mu gihugu ca Portugal, Jose Mourinho, yagarutse kumenyereza umurwi w’umupira w’amaguru wa Chelsea wo mu Bwongereza. Ivyo bikaba biherutse gutangazwa kandi vyemezwa kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013, isaha icenda z’umuhingamo kw’isaha mpuzamakungu.

Yari yarigeze kumenyereza uwo murwi uratsinda kenshi cane, utwara ibikombe bibiri vy’ihiganwa z’inkino imbere y’uko José Mourinho asezera uwo murwi mu mwaka w’2007.

Guhera ico gihe Mourinho yatahukanye igikombe c’uburayi n’igikombe c’ihiganwa ryo mu Butaliyano mu murwi wa Inter de Milan.

Yaranamenyereje Rael Madrid, umurwi wo mu gihugu ca Espagne, uwo murwi uca utwara igikombe c’ihiganwa z’inkino zo muri ico gihugu.

Ariko inyuma y’imyaka itatu irangiye yaramaze adakoza intoke ku gikombe, imyaka yivugiye ko yamubereye mibi mu kazi yakoze k’ubumenyereza kugeza ubu Mourinho yagarutse muri Chelsea.

JPEG - 75.2 ko
Umurwi wa Chelsea

Umurwi wa Chelsea wavuze ko abakinyi n’abakunzi ba Chelsea bawo bakunda cane. Bamenyesheje bati : « Mourinho niwe abereye kugira umurwi wa chelsea utere imbere.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.