Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mozambique: Amasezerano y’amahoro yahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mozambique: Amasezerano y’amahoro yahagaritswe

Mozambique: Amasezerano y’amahoro yahagaritswe

mercredi 23 Gitugutu 2013

Igisagara gikuru ca Mozambike; ahahoze hacumbitse abarwanyi b’abanyamozambike haraye hetewe n’igisirikare ca Leta. Haraciye umwaka, Afonso Dhlakama, umurongozi waho, yari yaravuye mu ntara ya Sofala akagira iterabwoba ko ashobora gusubira gufata ibirwanisho, n’ubwo amasezerano y’amahoro yari yasinywe mu mwaka w’1992.

Haraciye amazi, imigenderanire hagati ya renamo n’umugambwe uri k’ubutegetsi isubiye guhungabana, mu mirwano idasiba kuba. Bikaba ari ibitero bidasanzwe bibaye kuri Renamo. N’ubwo biri ukwo, umukuru w’igisagara gikuru c’abarwanyi Afonso Dhlakama ntiyigeze yicwa canke ngo anafatwe. Ubu umukuru w’igihugu ca Mozambike, Armando Guebuza akaba yafashe ingingo yo kwivuna abo bahoze ari abarwanyi. Umwe m bavugizi b’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Cristovao Chume, aremeza ko abahoze ari abarwanyi i renamo basomborekeje intambara mu gutera igisirikare ca Leta. Mu nyuma igisirikare ca Leta naco gica gitegura kwivuna umwansi. Abahoze ari abarwanyi nabo baca bahungira ahahoze hari Afonso Dhlakama, ubu uyo Afonso bakaba abatazi irengereo ryiwe.

Ivyo bibaye, abahoze ari abarwanyi baciye bamira kure bivuye inyuma ibiganiro vy’amahoro vyari vayatanguye kuva mu mwaka w’1992 vyari vyahagaritse intambara yari imaze imyaka 16. Kuri uyu wa kabiri wa 22 Gitugutu, hakaba habaye ugushamirana hagati w’abarwanyi n’ikirindiro c’abapolisi hagati mu gihugu.

Mwomenya ko abahoze arabarwanyi barwanya ubutegetsi, bariko bariyonjorora bukebuke mu vya politike. Ubu uwo muhari ukaba uriko ugira iterabwoba ko ushobora guhungabanya amatora agiye kuba mu kwezi kuza, igenekerezo rya 20 Munyonyo 2013. Ivyo navyo bigashobora gusubiza inyuma igihugu, kuko n’abanyamitahe bari ngaho mu gihugu bashobora guca bahagarika kubw’umutekano muke.


Mariella Bukuru

Messages

  • Muze muraba ivyo mwandika iyo mushaka gukora traduction y’inkuru mwaronse. RENAMO ntabwo ari igisagara canke akarere ahubwo ni izina ryuyo muhari wahoze urwanya Leta ya Mozambique.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.