IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mpimba : Inzara irarembeje abanyororo 18 bapfungiwe mu kibanza ca (...)

Mpimba : Inzara irarembeje abanyororo 18 bapfungiwe mu kibanza ca bonyene

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Abanyororo bafashwe inyuma y’akajagari kadasanzwe kabaye mw’ibohero rikuru rya Mpimba baracapfungiwe mu kibanza ca bonyene, bikavugwa ko n’imfungurwa bahabwa intica ntikize. Muri APRODH basaba umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba ko yogarukira abo banyororo bariko barahohoterwa.

Ku munsi w’Imana w’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2014, abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Mpimba bavyuwe n’akajagari k’abiyita ko bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba (aba Généraux), bari kumwe n’abandi banyororo bita sombasomba, barongowe n’uwitwa Claude wo mu mugambwe CNDD FDD asanzwe aba ahitwa "quartier pour mineurs et adultes" aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Barateye mu bibanza bipfungiwemwo abanyororo bagenzi babo, bafise amashoka n’ibihiri babomoje amagufuri y’imiryango yinjira muri ivyo bibanza. Abapfungwa bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba baruguruye ku nguvu ahapfungiwe bamwe mu banyororo, baca bahindurira ibibanza abaheruka kwungururizwa aho mu Mpimba bavanwe mu yandi mabohero nko mu Rumonge n’ahandi.

JPEG - 34.9 ko
OPC1 Bruno Niyonzima, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba

N’aho umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba, OPC1 Bruno Niyonzima yamenyesheje ko ako kaguma kavuye ku banyororo bikekanye, ariko akemeza ko ikibazo camaze gutorerwa umuti, amakuru yo kwizerwa dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko abo banyororo baronderwa ari aba FNL baheruka kuvanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bungururizwa mu Rumonge n’i Bururi, ubu naho bakaba bagarukanwe mu Mpimba. Abo banyororo baharurwa muri 18 bapfungiwe mu kibanza ca bonyene ahitwa muri CORPS, mu twumba tubiri turi impande y’aho abanyororo bakirira abaje kubaramutsa. Ayo makuru ava mu Mpimba abandanya amenyesha ko bafungurirwa indya ziri ku rushi, n’abanyororo bagenzi babo bashatse kubagaburira bakaba baterwa ubwoba n’abo bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba bitwa aba Généraux.

Mw’ishirahamwe APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe basaba umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba, OPC1 Bruno Niyonzima, ko yohagurukira ico kibazo, agarukire abo banyororo bugaraniwe mu kibanza ca bonyene kandi ataco bazira. Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH avuga mbere ko abo biyita ko bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba (aba Généraux) bokurwaho, kuko abanyororo bose bangana.

JPEG - 22.2 ko
Petero Karaveri Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.