Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu Bubirigi hariko habera inama y’abafasha Mali - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mu Bubirigi hariko habera inama y’abafasha Mali

Mu Bubirigi hariko habera inama y’abafasha Mali

mercredi 15 Rusama 2013

Kazoza k’igihugu ca Mali gahagaze ku nama iza kubera mu Bubirigi kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Rusama 2013.

Iyo nama y’abafasha igihugu ca Mali ikaba iza guhuza ibihugu mirongo umunani, abakuru b’ibihugu cumi harimwo François Hollande na Dioncounda Traoré. Nk’uko ijambo ry’umutwe ry’iyo nama ribivuga, intumbero y’iyo nama mpuzamakungu ni ukwegeranya imfashanyo zizohabwa ico gihugu.

Muri iryo huriro, abategetsi ba Bamako bategerezwa gusigura kandi bemeze ko imfashanyo y’amakungu ari ngirakamaro ku buzima bw’igihugu. Umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza, Dioncounda Traoré na Leta yiwe barerekana integuro y’imigambi y’iterambere y’imyaka ibiri iri imbere. Igiciro c’iyo migambi kikaba giharurwa ku miliyaridi 3,9 z’amafaranga y’amanyaburaya.
Ica kabiri c’ayo mahera kikaba kizotangwa n’abafasha igihugu ca Mali nka banki y’isi yose n’ishirahamwe ry’abanyaburaya batanga bonyene imiliyoni 520 z’amafaranga y’amanyaburaya. Ubufaransa bukaba nabwo bwemeye imiliyoni 280 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Imiliyaridi zibiri muri ayo mafaranga zikaba zizokoreshwa mu gusanura igihugu nk’akarorero kwubaka ibisagara vya Gao, Tombouctou na Kidal hamwe no kwubaka ingomero z’amazi n’umuyagankuba. Mu kiringo ca kabiri, abategetsi ba Bamako bategura kugarukira ibisata vy’ubuvuzi n’ic’indero, hamwe n’ubutegetsi bwo mu buraruko bwa Mali.

Ikiraje ishinga abo bafasha igihugu ca Mali n’uko iyo mfashanyo ishobora kunyuruzwa. Kugira bizeze abo bagira neza, ubutegetsi bwa Mali bwemeye guca butora mu gihe ca vuba itegeko rirwanya igiturire.

Ku matora y’umukuru w’igihugu ategekanwa mu kwezi kwa Mukakaro, Ubufaransa bwaramaze kwemera amafaranga yose akenewe uko ari imiliyoni 80 z’amafaranga y’amanyaburaya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.