IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’amashure busaba abigisha gutanga amanota

Ubushikiranganji bw’amashure busaba abigisha gutanga amanota

vendredi 27 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye basaba abigisha kwikubita agashi bagatanga amanota, kuko ikibazo cabo cerekeye ubusumbasumbane bw’imishahara kiriko kirirwa.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Edouard Juma asaba abo bigisha ko bokwikubita agashi kuko ikibazo kiriko kirirwa, n’ibiganiro bikaba vyaratanguye. Mu gihe kandi abo bigisha batatanze amanota, Juma Edouard asaba ko ayo manota yobikwa neza, ahantu hakingiye ntihabe ubusuma.
Ivyo rero akaba abishikirije inyuma yaho kuri uno wa gatanu, abigisha bahurikiye mu masendika batatanze amanota nk’uko bari bagabishije.

Tubibutse ko ayo masendika yari yagabishije ko atazotanga amanota mu gihe Reta itokosora ubusumbasumbane bw’imishahara. N’aho ku munsi wa gatatu, hari hataguye ibiganiro hagati ya Reta n’ayo masendika, bararahiye guheba iyo ngingo yo kudatanga amanota, mpaka bagiranye na Reta amasezerano yanditse ateweko igikumu n’impande zose.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.