Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu bushinwa urudandazwa rw’abana rurakomeye cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Mu bushinwa urudandazwa rw’abana rurakomeye cane

Mu bushinwa urudandazwa rw’abana rurakomeye cane

mercredi 11 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu gihugu c’Ubushinwa, abana bagurishwa ku rubuga ngurukanabumenyi nk’uko amatohoza yakozwe n’ikinyamakuru BBC abivuga, abo rero bagurishwa bakabatwara vyitwa ko bagiye kubaronderera ababarera.

Ivyo rero biraba kandi hasanzwe hariho utwigoro tw’igiporisi two kurwanya urudandazwa rw’abana. Itangazo rimwe ryo ku rubuga ngurukanabumenyi rigurisha umwana w’umukobwa w’amezi umunani amahera ibihumbi mirongo itatu vy’amadolari. Naho gushira amatangazo y’abana barondererwa abavyeyi ku rubuga ngurukanabumenyi kitazira mu Bushinwa, kubagurisha vyovyo ntivyemewe.

Vyibazwa ko abana bashika ibihumbi mirongo ibiri banyuruzwa buri mwaka mu Bushinwa; benshi muri bo bakagurishwa mu nyuma. Mugabo rero iyo abo bagurisha abana bagize barafatwa bahanishwa igihano c’urupfu, ariko abarwanya urwo rudandazwa bavuga ko hari hakwiye ibihano bikomeye no ku bagura abo bana.
Isoko ry’abo bana mu bisanzwe ririho bitewe n’uko abatagira abana mu Bushinwa babandanya kwiyongera.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.