Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugendo rw’Intamba mu Rugamba rwungururijwe kuwa gatanu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urugendo rw’Intamba mu Rugamba rwungururijwe kuwa gatanu

Urugendo rw’Intamba mu Rugamba rwungururijwe kuwa gatanu

mercredi 8 Nzero 2014

Mu gihe umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba vyari bitegekanijwe ko ufata indege igenekerezo rya 6 Nzero 2013, indege ibajana mu gihugu ca Afrika y’epfo kwitaba inkino za CHAN, urwo rugendo rwarasivye.

Nk’uko vyari bitegekanijwe, abakinyi b’intamba mu Rugamba bari kwurira indege ya Ethiopian Airways kuri uwo wa mbere w’igenekerezo rya 06 Nzero, bagana mu gihugu ca Afrika y’epfo kwitaba inkino za CHAN. Urwo rugendo rwarasivye ku mvo y’uko iyo ndege bofashe yahindutse. Bitegekanijwe rero ko bazokwurira indege ya Kenya Airways mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 10 Nzero hazoba ari ku munsi w’agatanu, iyo ndege izogenda idahagaze gushika muri ico gihugu kizoberamwo izo nkino. Aho bitandukaniye n’uko iyo bagenda na Ethiopian, bari kugira akaruhuko mu gihugu ca Ethiopiya, imbere yo kubandanya urugendo.

Ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kabiri, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama yaragendeye abo bakinyi aho bariko barimenyereza ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama, yararemesheje abakinyi ababwira ko n’agashirukabute bahora baronswa kadugijwe, kavanwa ku madorare amajana atatu, gashirwa ku madorare amajana atanu.

Tubutse ko urukino rwa mbere umurwi Intamba mu Rugamba uzorukina kw’igenekerezo rya 14 Nzero 2014. Bazotana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Gabon.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Inguvu nyinshi natwe tubari inyuma.

  • Nyakwubahwa Ministre nezerejwe niyo nkuru nziza yo kuduza agashahara. Vyari bibabaje kubona abantu bitanga n’ugupfa bagapfa kugira Uburundi buronke iteka ariko ugasanga bavunikira ubusa. Mubandanije uko bizobaha gukunda cane igikorwa cabo kubera bazoba bazi ko batavunikira ubusa. Bakinyi turabashigikiye, kandi namwe ndazi ko muzi ikibatwaye, inguvu na moral.

  • Mbega ikimwaro uyo minisire yabuze uko yobabarira abaziba amatwi none ubwo niba bazoza ku wa 5 ubwo mwumva ari vyiza jewe rero niho ndi ibidi bihugu biriko bigirira imyitozo hano kugira bahamenyere kandi ikindi uburundi ko kari nkagateka gakomeye bwari gushika kare natwe tukabonana na bene wacu maze tukabereka urukundo none ngo ku 5 ubwo se ko mbona polisi yahano ariyo itwara abakinyi ibavana kukibuga cindege nkuko biba vyapazwe none ku wa gatanu bazakirwa nande nzoba ndaba ariko nti mucike intege kaze tubateze amaso bana biwacu.kalibu sanaaaaaaaaaaaaa

  • Egome ubu ibintu bimeze neza ntaworeka gushima ariko turasavye president wa f.f.b kugira inguvu tukabona ba berahino,gael,meme chite n’abandi turipfuza kubabona mu ntamba murakoze

  • Ni baze tuzobakirana igishika baze barisanze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.