IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mu gisirikare c’Uburundi ntibemeza amakuru y’ironderwa rya General (...)

Mu gisirikare c’Uburundi ntibemeza amakuru y’ironderwa rya General Gaciyubwenge

mercredi 20 Rusama 2015

Mu gisirikare c’Uburundi ntibemeza ko uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi yoba ariko araronderwa kugira afatwe, inyuma y’aho ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza buhakiwe gufatwa ku nguvu na bamwe mu basirikare n’abaporisi.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard Baratuza, avuga ko General Major Pontien Gaciyubwenge ari mu karuhuko k’iminsi cumi n’ine, inyuma y’aho agiriye isanganya ry’umuduga, mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 16 Rusama uwu mwaka.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, yabeshuje izo nkuru, inyuma y’aho hari amakuru avugiye ko urugo rw’uyo mutegetsi rwoba rwari rukikijwe n’abasirikare benshi boba bari baje kumufata, kuri uyu wa 19 Rusama, ayandi makuru nayo, akavuga ko Gaciyubwenge yoba yari yahungiye kuri umwe mu baserukira igihugu ciwe aha mu Burundi.

Gaspard Baratuza avugira igisoda c’Uburundi ati :’’Amakuru jewe fise, ni uko uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, ari mu karuhuko.’’ Tukabamenyesha ko umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yanabeshuje amakuru yavuga ko umushikiranganji mushasha wo kwivuna abansi Emmanuel Ntahomvukiye, yoba yari yankiwe kwinjira mu biro bikuru vya gisirikare ahasanzwe hari ibiro vyiwe, ko ndetse hoba hari n’icuka kibi hagati y’abasirikare bakorera mu biro bikuru vya gisirikare.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.