Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu kwitegurira igikombe c’isi yose, abadandaza imibiri muri Bresil bariko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mu kwitegurira igikombe c’isi yose, abadandaza imibiri muri Bresil bariko (...)

Mu kwitegurira igikombe c’isi yose, abadandaza imibiri muri Bresil bariko biga icongereza

mardi 3 Ruheshi 2014

Imbere y’uko inkino z’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru zitangura muri Bresil, abitegura si abakinyi gusa, abakobwa n’abagore badandaza imibiri bariko baritegura mu kwiga ururimi rw’icongereza.

Hasigaye iminsi itarenga 11 kugira amahiganwa y’igikombe c’isi yose atangure mu gihugu ca Bresil. Mu kwitegurira urwo rubanza rukomeye, igihugu cose ca Bresil kiriko citegurira kwakira ingenzi zishika 600.000. Mu bitegura, harimwo abigeme n’abagore badandaza imibiri. Abo badandaza imibiri bararavye basanga hazokoreshwa cane ururirimi rw’icongereza. Kugira bazoshobore kwumvikana n’abazoba babakeneye, bahisemwo kwiga urwo ruririmi.

Kubera basigaranye umwanya muto, barondeye umwigisha yobafasha kumenya amajambo nyamukuru bokoresha kugira bumvikane n’ingenzi zizobakenera. Mu vyo bariko bariga harimwo, amajambo yo gutanga ikaze (les mots chaleureux), iminsi igize indwi, n’ayandi majambo akoreshwa n’abadandaza imibiri. Ivyo bariko bavyigishwa n’umwigisha w’icongereza Igor Fuch.

Tubibutse ko kudandaza umubiri birekuwe aho mu gihugu ca Bresil, abayidandaza bakaba banatanga n’ikori


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.