Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu mafungo abana bakwiye kuza barahabwa amazi yo kunywa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mu mafungo abana bakwiye kuza barahabwa amazi yo kunywa

Mu mafungo abana bakwiye kuza barahabwa amazi yo kunywa

vendredi 12 Mukakaro 2013

Ukwifunga kubari mw’idini rya islamu kuzomara ukwezi kumwe. Uwo mugenzo w’idini rya islamu ni kimwe mu nkingi zitanu zigize idini rya islamu. Uwo mugenzo ukaba werekeye kwifunga kuva mu gucugu gushika buhwibiriye izuba ryitereye, aho rero ni ku bakuze basanzwe bagira uwo umugenzo. Mugabo hari n’abatangura hakiri kare, bakiri bato. Kugira abana ntibicwe n’umwumira n’uko abo bana boguma babaha amazi. Abavyeyi bategerezwa kuraba neza ko abo bana bagumye banwa amazi.

Mu bisanzwe, ukwezi kw’amafungo ntigukwiye kujamwo abana bafise imyaka iri munsi ya 12. Mu miryango myinshi ntibarindira ko abo bana bashikana iyo myaka. Usanga benshi bihutira kumenyereza abana kwifunga, nk’uko bivugwa na muganga Arnault Pfersdorff, umuganga w’abana. Kandi rero kenshi, n’abana barisabira kuja muri iyo minsi y’amafungo nk’abakuze.

Hari n’abatangura bakiri bato cane nko ku myaka 5 , 6 ata n’uko abavyeyi babaguma hafi kugira babakurikirane. Mu bisanzwe, nta kuntu bofata bagakurikiza amategeko nk’ayabakuze.

Kunywa amazi ku munsi ni vyiza cane kuko umwana uko aba akiri muto niko umwumira urwira ningoga mu mubiri wiwe.

Gufungura neza hamwe no kuryama bikwiye

Muri uwu mwaka, amafungo ariko aba muri Mukakaro. Haba hashushe cane kandi rero uko kwisonzesha kuba kugoye cane kuko gutangura mu gicugu kugahera izuba rirenze. Uwo muganga agasaba ko abavyeyi bogaba abana babo ntibicwe n’umumwira, bakanywa amazi akwiye. Mu myaka iheze, ibitaro vyinshi vyama vyiteguye kuko muri co gihe co kwisonzesha kuba islamu hama hariho abana bagize ingorane y’umwumira, mugabo ubu abavyeyi barigishijwe, bakaba barabitahuye, ubu vyaratanguye kugabanuka.

Iyindi mpanuro ngirakamaro n’uko namba umwana yipfuza kwubahiriza kwisonzesha mu gihe c’ukwezi kw’amafungo, abavyeyi bategerezwa kuraba ko bafunguye neza mu gatondo muri ya masaha bagira ico bafata, hamwe no ku mugoroba, kandi bagafata ivyo kurya biri muri ya mirwi yose : nsanganyangaburo, ndemamubiri hamwe na ntanganguvu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.