IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuhuza w’Abarundi agiye gushikiriza aho ahagaze ku myiyerekano iriko (...)

Umuhuza w’Abarundi agiye gushikiriza aho ahagaze ku myiyerekano iriko iraba

mardi 28 Ndamukiza 2015

Ku muhingamo wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 ndamukiza, umuhuza w’Abarundi Mohamed Rukara yarashitse mu bibanza vyariko biberamwo imyiyerekano y’abiyamiriza ikiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu, mu ntumbero yo kuraba uko ibintu vyifashe.

Mohamed Rukara yagendeye komine ya Musaga, Cibitoki na Nyakabiga. Aho hose yari agiye kuraba uko ibintu vyifashe mu gihe abanyagihugu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Ijambo ryagaruka mu kanwa k’abanyagihugu baba muri ayo ma komine ryari:«Dushaka amahoro.»

Umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umuhuza Sunzu Didace yavuze ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 28 ndamukiza, ibiro vy’umuhuza w’abarundi bica bitegura icegeranyo gishikirizwa abajejwe kugihabwa, hanyuma vuba cane umuhuza w’Abarundi ace atumako abamenyeshamakuru abamenyeshe aho ahagaze ku biriko biraba mu Burundi.

Mwomenya ko umuhuza w’abarundi yagize urwo rugendo ku munsi ugira kabiri w’imyiyerekano.


Van

Messages

  • Natubwire aho ahagaze abe neutre ntarabe umugambwe avamwo kuko ukuri gusa nikwo kuzokuza ubu Burundi aho ikinyoma camaze gufata ijambo. Nafashe ahuze abarundi ntidusubire 1972.

  • Jewe mbona atavyo ahuza ahubwo nikwirira amahera yareta kuko iyaba ahuza aba yaramamwe kare ibara ritararwa ubu niho aserutse none aje guhuza iki ko abantu barangiye uwonyene niwe musuma mubandi niwe yiba itunga ryigihugu kuko ntacakora ko arumuhuza ejo yavuziki abamenyesha makuru bariko barakubitwa cokimwe nambonimpa umukuru wigihugu yamuhanuye iki ? Namanze ashire kumurogo shimirimana cokimwe na nkuruziza niho zoyemera ko arumuhuza koko abikwiye nikwicara aho nokwirira amafaranga gusa ngo numuhuza atacakora ndabaza mwebwe mubona akora iki ??

  • Ego Urakz Muhuza Urabibony Fashuburundi Ubumugabo Nyawo Uzashimirwa Nabarund Ndets Namakungu Komera

  • ARIKO RERO TW TUBONA BIFISE IYIDI NTUMBERO KUBURYO ABO BIMYIYEREKANO BAKWIYE KURABA NEZA IYO BAJAJ NIYO BAVA

  • mbega abo bamenyeshamakuru azoha ikiganiro nibande ko abatanga inkuru nyazo ko babazibije!

  • Uyo numuhuza wabicanyi nabasuma ba cdd fdd iyo bahejeje kwiba abarundi niwe aca abuvikanisha uko bari bugabura uyo nico gisambo cambere ntimucizereko vyishi uyo ndamuzi cane ni njavyi ni mpemuke ndamuke wambere muburundi naba dd ntibamuzi uwariw neza

  • Nyimba Namw Nyakwubahwa Umuhuza Mwariz Neza Mukamenya Gusoma Amategeko Yasome Hama Uvugukuri Hamukuzire Imana Yo Izogushira Mu Biganza Vyayo Woye Kuba Mpemuke Ndamuke Kuko Wobusa Nuwishe Abariko Barapfa Bose. Merci D’avance!

  • Nyakwubahwa muhuzu turakwizeye kandi ndibaza ko wiboneye ,kandi wumvise akamo ka bene gihugu turabasavye ntimwemere ko dusubira muri kahise ,raba twari dufise image nziza mumakungu none twiyambuye umutamana nabasirikare bari bitanze batiziganya mukugarukana umutekano mumakungu baciwe intege bagiye gutaha. mwiyumvire kunkwirikizi bizozana? Tubasezere tubipfuriza ijunja nijambo mugutorera inyishu iki kibazo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.