IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu mwaka 1, umugwi w’igihugu CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu ufise (...)

Mu mwaka 1, umugwi w’igihugu CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu ufise amadosiye 500

vendredi 14 Kigarama 2012

umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH umaze umwaka ubayeho. icigwa cakozwe kuri wo kivuga ko uriko urakora nezaariko ukeneye uburyo bw’amafaranga.

Ico cigwa cerekana ko umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH wagerageje gukora akazi wahawe inyuma y’umwaka ushinzwe. Ako kazi nako ni gukingira agateka ka zina muntu, gutohoza amadosiye y’ihohoterwa, kugendera amabohero, kwirabira ingene abanyororo babayeho, guhanura Reta ngo itore amategeko akingira abanyagihugu, kwakira ibirego vy’abahohotewe, gukingira abaharanira agateka ka zina muntu n’ibindi.

Egide Niyongabo yakoze ico cigwa amenyesha ko umugwi CNIDH ufise ingorane zimwe zimwe. Atanga akarorero ko umugwi CNIDH wategerezwa kuba userukiwe mu ntara zose z’igihugu gushika mu makomine kugirango utunganirize abantu benshi bashoboka. Ubu userukiwe mu ntara zidashika 4 muri 17 zigize u Burundi.

Kuri ivyo, ngo umugwi CNIDH utegerezwa kuronswa uburyo bw’amafaranga bukwiye bwo gukoresha. Egide Niyongabo asaba kandi ko abakomiseri b’umugwi ujejwe agateka ka zina muntu bokora imyaka irenga iyo bafise ubu barekurirwa n’amategeko kugirango igikorwa cabo baba batanguye bakirangize neza.

Mu bisanzwe umugwi CNIDH ufise ikiringo c’imyaka 4 isubirizwa rimwe. Ariko uwo muhinga abona ko ico kiringo ari gito kugira imigambi bihaye iranguke neza. Avuga ko yopfuma iba imyaka nimiburiburi 6 idasubirizwa.

Ikindi uwo muhinga mu vy’amategeko asaba n’uko abawugize bokora bigenga vy’ukuri badatamitswe ijambo canke ngo baterwe ubwoba na Reta. Amenyesha ko ari nkenerwa ko umugwi CNIDH ukwiye gukorana n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike cane cane ayaharanira agateka ka zina muntu.

Ikindi uwo muhinga avuga n’uko umugwi CNIDH utotinya gukora amadosiye arimwo abategetsi bakuru bakuru canke inzego za Reta mu gihe bakekwa guhonya agateka ka kiremwa muntu.

Uwo mugwi CNIDH umaze kuronka amadosiye arenga 500 kuva ugiyeho, ayamaze kwigwa ntaramenyekana.

Umugwi CNIDH utegekanijwe n’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu, washizweho mu mwaka w’2011 mu kwezi kwa Rusama.

Kw’ifoto: Emmanuel Ntakarutimana,arongoye CNIDH


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.