Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Umuporisi w’umuzungu yarashe umunyagihugu w’umwirabure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umuporisi w’umuzungu yarashe umunyagihugu w’umwirabure

Amerika : Umuporisi w’umuzungu yarashe umunyagihugu w’umwirabure

mercredi 8 Ndamukiza 2015

Mu ntara ya Carolina y’Epfo, neza na neza mu gisagara ca North Charleston, umuporisi w’umuzungu yarashe umugabo w’umwirabure bivuye ko imodoka yiwe yari ibuze itara rimwe.

Hari ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 4 Ndamukiza, Walter Scott, umwirabure w’imyaka 50 yariko agendesha imodoka yiwe. Ageze mu nzira, umuporisi aramuhagarika kugira asuzume ko iyo modoka ikwije ivya ngombwa. Imodoka ya Walter Scott yari ifise itara rimwe ryamenetse, aca agira ubwoba. Ubwo bwoba bwatumye Walter Scott ata imodoka yiwe yiruka ahungira ahari ikibanza "Jardin Public". Wa muporisi yaciye amukurikiza amasasu menshi mu mugongo, Walter aca arapfa.

Abashingwamanza b’umuryango wa Walter Scott bavuga ko bavuganye n’umuganga yasuzumye ikiziga, bakaba babwiye ikinyamakuru New York Times ko Walter Scott yarashwe amasasu atanu, atatu mu mugongo, urusase rumwe mu rutugu hamwe n’urundi ku gutwi, ariko hari urundi rwoba rwaciye mu mutima wiwe.

Uwo muporisi azwi kw’izina rya Michael Slager w’imyaka 33, ahejeje kumurasa yaciye arondera ingene yohuvya amatohoza. Yitwaje ko Walter yashatse kumwaka inkoho yiwe ya Pistolet, nawe aca arivuna. Ariko rero, naho Michael Slager yitwaza ivyo, hari umuntu yari yinyegeje inyuma y’uruzitiro yafashe isanamu y’ubwo bwicanyi bwose uko bwagenze. Iyo sanamu imaze kuja ahabona, uwo muporisi yaciye agirirwa ibipimo bigirirwa umuntu agize ubwicanyi nk’ubwo, yongera arabazwa n’inyamiramabi.

Kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 08 Ndamukiza, harategekanijwe imyiyerekano yateguwe n’abaharanira agateka ka zina muntu, kugira biyamirize ubwo bwicanyi. Ivyo rero bibaye mu gihe hari haheze iminsi mike ubwicanyi nk’ubwo bubaye kandi i Ferguson (Missouri), i New York canke Cleveland (Ohio), hose ni abaporisi b’abazungu barasa abanyagihugu b’abirabure.

Ubutegetsi bwa Obama butegekanya gufata ingingo zogerageza guhindura ingendo y’abo baporisi hamwe n’uguhindura imigenderanire bafitaniye n’inkehwa z’abirabure ziri muri ico gihugu.

Raba Video yerekana uko vyagenze


Cherif Nkeshimana

Messages

  • "Ubutegetsi bwa Obama butegekanya gufata ingingo zogerageza guhindura ingendo y’abo baporisi hamwe n’uguhindura imigenderanire bafitaniye n’inkehwa z’abirabure ziri muri ico gihugu."
    Kuvuga inkehwa umenga birahuvya bukebuke: abirabure ni 12.6%.
    Abanyamerika bose ni: 320 millions.
    Izo nkehwa rero urumva ko zingana na 12.6%x320millions= 40 millions.
    Murumva inkehwa zihakwa kungana n’abanyekongo bose? Biragoye kubita inkehwa! Hakwiye gukoreshwa irindi jambo!

  • TUurabangamiwe ndakubwiye.........Racism ntaho izogera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.