Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mubimbi : Umugambi w’ubworozi bw’amafi ugeze ku ntambwe ishimishije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Mubimbi : Umugambi w’ubworozi bw’amafi ugeze ku ntambwe ishimishije

Mubimbi : Umugambi w’ubworozi bw’amafi ugeze ku ntambwe ishimishije

samedi 7 Nyakanga 2013

Mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu kwitunganiriza bonyene imigambi y’iterambere, abanyagihugu bo muri komine ya Mubimbi mu ntara ya Bujumbura, barijukiye umugambi w’ubworozi bw’amafi. Ivyo rero bigafasha iyo komine n’abanyagihugu bose muri rusangi mw’iterambere.

Uwo mugambi w’ubworozi bw’amafi muri iyo komine, watanguye mu mwaka w’2012 mu kwezi kwa Munyonyo. Uwo mugambi rero ukaba ugitangura warashigikiwe n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, abajejwe intwaro muri iyo komine hatibagiwe n’uburongozi bwa paruwasi ya Mubimbi muri iyo ntara ya Bujumbura Rural, na cane cane abanyagihugu bo muri iyo komine bo bimvye ibinogo bishobora kwororerwamwo izo fi. Muri iyo komine rero ya Mubimbi, ibibanza umunani nivyo bimaze gutegurwa kugira vyororerwemwo amafi, ariko muri ivyo, harimwo kimwe cegukira paruwasi, mu gihe ibindi indwi vyegukira abanyagihugu, batahuye uyo mu gambi w’ubworozi kare. Muri ivyo bibanza vy’ifi, igipima ama are ane gusa, gishobora kwororerwamwo amafi ashika amajana atatu.

Ubwoko bw’amafi yororwa muri iyo komine ngo n’ubwoko bwa tilapia busanzwe aribwo bukunda cane ikirere c’i Burundi. Ubwo bwoko rero burakundwa cane muri iyo komine, kuko abanyagihugu bazisuma cane. Burya rero intango yama igora, nk’uko patiri Deo Nitunga umwe mu batanguye uyo mugambi muri komine ya Mubimbi abivuga. Ndetse uyo mugambi ukaba wabonwa ko uzogorana kuja mu ngiro. Ariko mu nyuma, abajejwe intwaro bakaba barakoresheje amanama abanyagihugu kugira bijukire uyo mugambi w’ubworozi bw’amafi.

Ubu rero uwo mugambi, ukaba warahurumbiwe n’abanyagihugu benshi muri iyo komine ya Mubimbi, ndetse ubu ukaba ugeze ku ntambwe ishimishije. Abarongoye abandi muri iyo komine, bizeye ko mu minsi iza, hazoba hari abanyagihugu benshi boroye izofi, ndetse ibibanza bikarwizwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.