Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mugabe yagabishije ibinyamakuru bibandanya kumucapa ashaje gose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mugabe yagabishije ibinyamakuru bibandanya kumucapa ashaje gose

Mugabe yagabishije ibinyamakuru bibandanya kumucapa ashaje gose

jeudi 6 Ruhuhuma 2014

Mu gihe hasigaye amayinga atatu kugira umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe akwize imyaka 90 y’amavuko, umugambwe wiwe witeguriye kwegeranya amafaranga anagana n’umuriyoni w’amadolare y’Amerika kugira bashobore guhimbaza neza uwo munsi, ayo nayo bakavuga ko azova mu bakunzi b’umukuru w’igihugu cabo.

Mu gutegura uwo munsi bavuga ko uzoba udasanzwe, ishami ry’urwaruka rya Zanu-PF ry’umugambwe uvamwo umukuru w’igihugu, iryo shami rivuga ko rizokwegeranya amadolare anagana n’ibihumbi amajana indwi, azokoreshwa kuri uwo munsi mukuru w’ivuka rya Mugabe, rizoba kuri uyu 23 Ruhuhuma uyu mwaka, ahitwa Marondera.

Ku myaka 34 amaze ku butegetsi, Robert Mugabe avuga ko kuva aho Afrika iburiye Nelson Mandela, ubu ariwe yasumusubiriye. Ivyo akabivuga mu gihe abanyafrika benshi bavuga ko Madiba yari umuvyeyi wabo, ndetse n’icubahiro baha uyo mutama yarwanije intwaro karyanishamiryango mu gihugu ciwe c’Afrika y’Epfo, kikaba cari icubahiro uwariwe wese, yoha umuvyeyi yamwibarutse.

Mugabe rero akaba yihaniza bimwe mu binyamakuru vy’Afrika canke vy’ahandi bimutyoza ko asaziye ku butegetsi, mu kumucapa asa nabi canke ashaje cane. Amenyesha ko atariwe ashaje cane kuruta abandi mu bakuru b’ibihugu, kuko na Shimon Peres amuruta mu mavuko, aramutswa igihugu gikomeye nka Israel. Shimon Peres akaba aruta Mugabe amezi atandatu gusa, ariko akaba we yashitse ku butegetsi mu mwaka w’2007.

Robert Mugabe, akaba ndetse n’ubu amenyesha ko azitoza ikindi kiringo, mu gihe amatora yo mu mwaka w’2013 yayatsinze bigoranye. Avuga ko n’ayandi yo mu mwaka w’2018 kitazobuza ko ayatsinda.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ahubwo aritoza no muri 2023 mugabo uwu raho umengo iminsi iriko iramujana, ewe ico mwariye mubu president mwa president bo muri africa muri ningorane kweri ahubwo uraha umupfasoni wawe umengo niwe akiri muto sinon iyaba vyashoboka wotanze igiturire kumana igasubira ikakurema ukiri muto.

  • Abanyagihugu barashonje nta miti nta mazi none ngo bazokoresha kariya kayabu ka madolali ewe mugabi uragisibije yarangiza ngo nayandi matora azokwitoza.abazimbabwe nabo kubaka amazu hano muri africa yepfo ubundi bakigira mubiyeri nabakobwa naho ivyo kwitaho igihugu cabo ntavyo rwose.

  • Kumbure natwe nk’Afrika kumbure twozokwandikisha ko kw’Isi yose ko aritwe twagize umu president atwaye imyaka myishi duhereye mumyaka ya 1900 Ariko ntakiryoha nkokuva kubutegetse abantu bakigushaka maze munyuma bagatangurakuvugango iyo president runaka yaguma kubutegetsi igihugu kibacarateyimbere cane mazenawe ahowibereye akamwemwenako kagakomeza kwiyongera muriwewe mumuryango nomugihugu cose.

  • Agomba kurwa kukivi nka rwamadudu. Naje kuruhuka nyabuna. Gusaza ko arashaje naho yiha morale.

  • Huyu mutama Mugabe arashaje akwiye kuruhuka. Ibinyamakuru bimutyoza bimureke siwe musaza wenkinye. gusa aruhuke

  • ibi nivyo Petero Nkurunziza agomba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.