Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mugabe yatanguye icese amabanga y’umukuru w’igihugu ku ncuro ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mugabe yatanguye icese amabanga y’umukuru w’igihugu ku ncuro ya (...)

Mugabe yatanguye icese amabanga y’umukuru w’igihugu ku ncuro ya gatandatu

jeudi 22 Myandagaro 2013

Ku butegetsi kuva igihugu ca Zimbabwe kironse intahe yo kwikukira mu mwaka w’1980, Robert Mugabe w’imyaka 89 yarahiye kuri uno wa kane kuwa 22 Myandagaro 2013, atangura icese amabanga yo kuba umukuru w’igihugu ca Zimbabwe ku ncuro ya gatandatu yikurikiranya.

Mw’ijambo ryiwe kuri uno munsi yari aramutse yimikwa, Robert Mugabe yaneguye bimwe mu bihugu vya buraya bitemera ko yatsinze amatora yamuhaye intsinzi ku genekerezo rya 31 Mukakaro uyu mwaka turimwo.

"Ibihugu vyo hanze vyoba vyabonye ibindi bidasa n’ivyavuye mu majwi y’abanyagihugu nta kinini twobabwira. barafise uburenganzira bwo kuvuga n’ukwiyumvira ivyo bashaka vyose, ariko bamenye ko aho abanyagihugu bashize ari aho nyene."

JPEG - 19.5 ko
Robert Mugabe : .....barafise uburenganzira bwo kuvuga n’ukwiyumvira ivyo bashaka vyose, ariko bamenye ko aho abanyagihugu bashize ari aho nyene."

Imbere y’abakunzi biwe ibihumbi n’ibihumbi bari bakoraniye ku kibuga c’umupira w’amaguru co mu gisagara ca Zimbabwe kuri uno munsi wari uw’akaruhuko, Robert Mugabe yiyemeje kwubahiriza ibwirizwa shingiro n’ayandi mategeko yose yo mu gihugu aramutswa. Ariko rero mwomenya ko iryo bwirizwa shingiro yiyemeje kwubahiriza ari iryo ku mpapuro gusa kuko ashobora kurihindura umwanya uwariwo wose (intebe z’abaturuka mu mugambwe wiwe bararenga ivya bibiri bitatu mu nama nshingamateka.)

Umushikiranganji wa mbere, Morgan Tsvangirai asanzwe ari nawe yari imbere mu bahiganwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu ntiyitavye ivyo birori vy’iyimikwa rya Mugabe. Kubwiwe, ivyo bariko barakora ni nk’inkinamico kuko ata matora yabaye muri Zimbabwe. N’aho badasangiye ivyiyumviro vya politike, Morgan Tsvangirai yari amaze imyaka ine asangiye ubutegetsi na Robert Mugabe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.