Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mugabe yatanguye kwigina intsinzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mugabe yatanguye kwigina intsinzi

Mugabe yatanguye kwigina intsinzi

jeudi 1er Myandagaro 2013

Zanu-PF umugambwe wa Robert Mugabe umukuru w’igihugu ca Zimbabwe ngo niwo woba watahukanye intsinzi y’amatora y’umukuru w’igihugu nk’uko bivurwa na bamwe mu ndongozi z’uyo mu gambwe.

Uyo mutegetsi avuga ko intebe ari rwabo, batsinze umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu. Ariko naho biri ukwo, umushikiranganji wa mbere Morgan Tsvangirai avuga ko amatora y’ejo yabaye inkinamico gusa. Tsvangirai, yitoje ku mwanya w’umukuru w’igihugu ku ncuro ya gatatu ahangana na Robert Mugabe. Avuga ko iterabwoba no kunyuruza amakarata yo gutorerako yagiriza Zanu-PF bisigura ko ayo matora yabaye impfagusa.

Umurwi munini gusumba iyindi mu yahagarikiye ayo matora muri Zimbabwe, wamaze kuvuga ko ayo matora atokwizerwa, kuko abantu barenga imiriyoni n’imiriyoni batashoboye gutora. Uwuyoboye indorerezi z’Ubumwe bwa Afrika Olusegun Obasanjo, avuga ko mu ntango yabonye ko ayo matora yariko agenda neza, ariko mu nyuma akaba atacagenda. Robert Mugabe ubu akwije imyaka 89, yitoje ku mwanya w’umukuru w’igihugu ku ncuro igira ndwi, akaba amaze imyaka 33 ari ku butegetsi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.