IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mugamba : Abantu bane nibo bishikanye mu kiringo catanzwe na Petero (...)

Mugamba : Abantu bane nibo bishikanye mu kiringo catanzwe na Petero NKURUNZIZA

mercredi 15 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikiringo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yatanze kugira abahungabanya umutekano muri komine ya Mugamba bishikane n’umutekano ube wagarutse caheze kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 15 Ruheshi 2016. Muri ico kiringo, abantu bane nibo bishikanye nk’uko bishikirizwa n’igiporisi c’Uburundi.

OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko hari n’abantu 26 bikekwa ko bari mu bagizi ba nabi bafashwe n’abajejwe umutekano, abandi bantu 12 nabo bakaba bariko baronderwa n’inzego z’umutekano. Muri ico kiringo c’iminsi cumi n’itanu cari catanzwe na Petero NKURUNZIZA umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu giporisi bavuga ko hafashwe inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa Kalashnikov.

Mu gihe yari yagendeye komine Mugamba yo mu ntara ya Bururi kw’igenekerezo rya mbere Ruheshi 2016, ahamaze iminsi habera ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’iminsi cumi n’itanu kugira abantu badurumbanya umutekano muri komine Mugamba babe bishikanye.

Mu gihe ico kiringo catanzwe cohera abo bantu batarishikana, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko hazokoreshwa uburyo bwose bushoboka kugira amahoro n’umutekano bigaruke muri iyo ntara ya Bururi, cane cane muri komine Mugamba, ahabandanya kwibonekeza ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho hamwe n’ubwicanyi.


IGIHE

Messages

  • Nibahige izo mujeri zireke kuduhungabaniriza umutekano wacu dushaka kubaho mumahoro numutekano umwe wese aryame atunganiwe mujeri zimaramare

  • Ni munsigurire Mujeri ico arico.

  • KOMEZA MUHIG IZONTUMVA ZIDURUMBANYA UMUTEKANO

  • jamais ntantambwe boduterana ahubwo nibizan kuko tuzobafata bitagiy kera

  • Hahahahahahahhh!!!!ewe burundi niwijandajandire uhagatiwe nintwari zariray niho uwo ntavuz amwita ngo ni l’homme fort ntiyabeshe nanj namwise umukuru wingabo wikirenga commandant spreme S.E PETERO NKURUNZIZA yararivumereye none ubu abo mumugamba bararya bakaryama bagasinzira zamburamikorere zokwa sinduhije nazozabyemey ko abaruta zishikanye ashii ashiii uwo numurundi yiruhukij abikesha se barundi arakaramba niharambe incuti zuburundi UBURUSIA NUBUSHINWA numukuru wingabo commadant spreme PETERO NKURUNZIZA murakoze.

  • Ivo Nivyo Koko Ikirg Kirata Bakicw!!

  • muzogeza ryari kwica ubwolo bw’IMANA rindira nuroca na buyoya yaratururye.

  • Nkurikiye arabesha ndamwemeye.Mbega yaberekanye ku masanamu ko mbona arivyo bakunda kwivugira?Mugamba si Mwumba nkuru.na musaga watanz iminsi ingana imvura mbora mukirasaniraho.Manika amaboko nayo nabonye ko mwe na shobuja mushavura iyo babacapuye ntimuzosubire kwita abantu mujeri.uratangara nibarara bameshe aba police bawe nubundi

  • Ntibabahende Sabishikanye Nimbonerakure Nzankurunziza Yariyaratwayeyo Yagiyegutora Ayomazina Bavuga Ngobarikobararo Ndegwa Nay’abagombagutotezwa

  • Murambabarira jewe simenyereye kwa dika ivyiyumviro niyumvira ariko mbonye ningombwa nandike uyumusi kubera ibintu numvise umuntu wumugenzi ariko aravugira kwisimu.
    Muvyukuri jewe sindi mu Burundi ndimugihugu.
    Uyumusi jewe ahomba harimugitondo ngombantware abana kwishure nagiye muri parking nsanga nibagiwe driver license maze nsubira inyuma kuyitora kubera mbamunzuyohejuru muri 6 nashimye kudugira muri skariyo kuko ubuye inyuma iyotubika amamodoka arihoharihafi, nukorero mpeje kwuyurura urugi ruvahanze naranganiwe nijwi ryumvikanagakegske ryikirundi ndakomeza ndaduga noneho ndakumenya ko arumurundi tubanamwiyonyubako arikowewe abaku 8
    Yewe ibitumyenandika nukubera ivyonumvise yavugira kwisimu, muvyukuri uwobaganira sinumva ivyoyavuga ariko uwomubanyiwanje ivyoyavuga navyumva kuko namba yariyaseko abobabana bavyumva ivyavugana nuwomuntu yariyakiye guhagarara hanze yinzu abamwo ahagarara ahabantubaca baduga munzuzohejuru kuko iyonyubakwa igarukira kwi 16
    Rekantureko ijamboyavuze ricarintera ubwoba, yavuze ngo: nubwo muvugako abomwikorako kugira bakomeze gukora ibishobokavyose kugira mu Burundi hakomeze kwumvikanako kwatamahoro ahari basanabata kiboneka ngonuwubonetse asaba amananiza ngomwopfuma mumuha ivyovyose asaba ngwariko agakomeza gukora icocose cotuma mu Burundi humvikana kwatamahoro ahari.
    Yaciye akomeza avugango nacanecane nkomwikigihe baryabahinga ba UNU barimu Burundi ngoharakwiye kuzaharumvikana abishwe umuntu ngocanke abantu burimusi.
    Ndababwire numugenzi ariko nibutse incutizanje zampuye mwibibihe bihitiye naciyenumva ndamwase.
    Naciyemenyareroko bamwe mubarundi ibibimazimisi biba mu Burundi nubwoboba vyabaye bimariye imyakanyishi biberahanze yuburundi ntikibuzako hariho abakongatara benyegeza umuriro mu Burundi ngw’Amahoro ngotarangweho kuko uwomugabo namusanze hino ubonako jewe nahamaze imyaka 9 arikowewe yambwiye koyaje murivyabihe hicwa umukuruwigihugu Ndadaye.
    Ariko niwumve ayomajambo amuvamwo ngo bakore ibishobokavyose ngo mu Burundi hagume aboneka abicwa ngontihumvikane icitwa Amahoro! Agakongatara birenze ukwemera kuko namwumvirije umwanyamuninini nabana bahatswe gucererwa kubera naciyenemera kumwumviriza mpaka.
    Ahandirinze kuvuga amazina yabantuyagiyavuga nzozandababwira abantu tuzozaturaganira nkukonabigize mpejeje kumwumviriza nakize kwurira imodoka ncansimbira kumubtumwe womu Burundi ndamuhamagara ndamubura ncandondera uyundi maze ndamubwira akarimurore nawe yumiwe!

  • Kuwatsa vyaraboroheye mugabo kuwuzimya bizobagora nimurementanye mugabo ibinyoma vyanyu vyarahinyutse ahubwo nimuhindukirire icokigirwa mana canyu ngo ni nkurunziza mumubaze kubu naho aricayi gihoze nkuko yabivuze mumurwanire mubesha ntituzoruhuka adasubije ivyo yivye

  • MURANTUNGE MBA HANZE YUBURUNDI KUVA 1972 ABAKURU BABO BAGIZI BA NABI,KUVA PEREZIDA ATANZE 15 JOURS BAKOZE INAMA YO KUBAHUMA AMASO HAKISHINA 2 CANKE 5 KANDI NTIMUKIHENDE NGW"IYO NTAMBARA N"IYIMIGAMBWE ; N"IYAMOKO . KUKO HAR"ABANTU BINCUTI ZA BUYOYA BARI HANO MUMAHANGA BAFISE ZA BOUTIQUE HANO TUZITA SUPER MAQOUTE .BAVUGA YUKO BADAKENEYE UMUHUTU MUBIRO IVYARIVYOVYOSE MUBURUNDI.INYUMA YAMEZI 3 BAJA KURABA ABABO

  • Ntimuzoruhuka? mwahereye gutera bombe hanyuma rokette musubira murasa ubu mugeze kuri grenade ejo muzotera amabuye nayo hirya yejo muzishikana urabesha

  • Mwiriwe,

    Ndashimira mwe mwese mukurikira ibyandikwa, ndababwiye ngo " Mukunde Imana kandi muyegere nayo izabegera" kandi musabe muzahabwa, mushake muzabona, mukomange k’urugi muzakingurirwa.

    Mugume mu Mana, ese intambara zitukuka hehe? dore tugeze k’umusozi kandi satani araduhiga muze dukorere uwiteka kuko urugamba atari urwacu.

    Amahoro ku barundi mwese. mugire umugoroba mwiza.

  • hew iyo komine ya mugamba nitekereze yarafashwe

  • Hahahhh Warakoze Issa, kuduhenda harico utoramo? Watanguye uvuga bisa naho mutazinanye hama munyuma ngo numugenzi?

  • Jewe Ndatangazwa Nibibera Muburund,
    Hidya Nohino Wumva Ngo Abantu Runakabapfuye, Mbega None! Abobagizibanabi,nabanyamahanga! Canke,nabarund?
    Iconsaba Nuko Reta Y’uburund Yogiricikoze, Kugirango Amahoro Numutekano,bigaruke Mugihugu Cacu,
    Nyakubahwa, Peter Nkurunziza, Akore Uko Ashoboye Kose, Yongereze Abajejwe Umutekano,
    Kuko Nagahomera Bunwa,.
    Muburundi Hahoramahoro, Ariko Ubu, Harangwa Amarira,
    MANA FASHA IGIHUGU, CUBURUNDI,UGIHE AMAHORO. NATWE ABARUNDI, DUHOZE AMARIRA... IMANA IBAHEZAGIRE MWEBWE MWAZANYE UBU BUHINGA, MURAKOZE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.