Accueil > Amakuru > umutekano > Mugamba : Umwe mubatowe yagandaguwe arashwe
Mugamba : Umwe mubatowe yagandaguwe arashwe
dimanche 10 Ndamukiza 2016, par
Umwe mubatowe ku mutumba Kivumu, komine Mugamba intara ya Bururi yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, abamugandaguye ntibamenyekanye.
NDUWAMUNGU Jean Paul, uwa kane muri batanu batowe muri CNDD FDD ku mutumba Kivumu, komine Mugamba yarashwe amasasu ane mu mutwe aca aracikana, nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro kuri uwu wa gatandatu, ku metero nk’amajana atanu z’umuhana yari avuyeko mu rubanza i Bururi.
Abajejwe intwaro hamwe n’umutekano mu ntara ya Bururi baremeza ayo makuru, bakavuga ko abo bicanyi bari hagati ya batatu canke bane, ariko bakaba batamenyekanye. Uwo yagandaguwe yaheruka kuvugira mu nama y’umutekano ko adashigikiye abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho.
Uwo yagandaguwe agize gatatu agandaguwe arashwe mu ndongozi z’imitumba yo muri komine Mugamba.
Umuntu umwe w’umusore niwe amaze gufatwa yagirizwa ubwo bwicanyi, mu giporisi mu ntara ya Bururi bakavuga ko uwo yafashwe yari afise amasasu abiri mu mufuko.
Christian NKURUNZIZA, Buramatari w’intara ya Bururi asaba abanyagihugu gushengeza abagizi ba nabi, bongere bareke kunyegeza inkozi z’ibibi.
IGIHE
Messages
10 Ndamukiza 2016, 14:59, par None?
Ego uwomusore bafatanye amasasu nageze naho numva ndamushimiye kuko ababijejwe amaze kumuganiriza yavugishije ukuri kandi muzobibona.
10 Ndamukiza 2016, 16:04, par BIRARONDERWA
UWO AVUZE NGO UWO BAFASHE NGO YAVUGISHIJE UKURI NADUHE UMUCO INGENE YAVUZE NATWE TUMENYE INGENE VYAGENZE.
10 Ndamukiza 2016, 18:16, par rwara
wewiyita none urashigikiye abobicanyi? nimba urinkotanyi itonde,kuko ntuzi uruzaguhitana!!
10 Ndamukiza 2016, 18:17, par Kanyosha
Ukukwica abantu barimwiyi leta yunomusi murikazoza kahafi bizokwitwa genucide yakorewe abashigikiye iyi leta iriho uyumusi.
Mwavyumvise ko nuyumwanditsi yavuzeko mumisi ihenze ko uyunyakwigendera yariyavuze munama ko adashigikiye abicanyi abicanyi baciyebabona kwabartyojeje,
Ucawibaza abarundi badashigikiye abicanyi kwaribobeshi yemwe abicanyi baracafise akazikarekare kokwica abatabashigikiye mubwicanyi bwabo!
Nayo vyabihugu vigize ibihangange mwnosi mugushigikira ababicanyi nokubaha morare iyobibonye abicanyi bishe abantu ahokubiyama bicabibwira leta ngo ganira nabobicanyi!
10 Ndamukiza 2016, 19:04, par tari
Mbe uwoburamatari avuga ivyo ninde kwatamutegetsi numwe womuri cndd akivuga ibintu vyohumuriza abanyagihugu kuko arimwe mwirirwa murica abantu munakokeza intambara kanatsinda nimwemwishizeho ntawabashizeho Nico gituma bitazoroha Ko mubwira ikintu nakimwo abanyagihugu Ngo babumve kuko nimwe mwishizeho
11 Ndamukiza 2016, 06:48, par Ndayishimiye Gédéon
Abo Bagijibanabi Ntidutegerezwa Kubaha Ubwigenge Muburundi Jewe Nkimbonerakure Ibuyengero Saba Leta Ko Hamwe Batotenyenya Ko Natwe Dufise Inguvu Zo Kugwanira Igihugu ?
11 Ndamukiza 2016, 06:50, par Ndayishimiye Gédéon
Abo Bagijibanabi Ntidutegerezwa Kubaha Ubwigenge Muburundi Jewe Nkimbonerakure Ibuyengero Saba Leta Ko Hamwe Batotenyenya Ko Natwe Dufise Inguvu Zo Kugwanira Igihugu ?
11 Ndamukiza 2016, 20:30, par Itangisha jmv
ivyo ni kibaga numva I Burundi?
11 Ndamukiza 2016, 23:06, par gezaho!!
Birebabaje kubona uburundi busigaye arigitutsi mumakungu yemwe ! Iconibaza , kuritwebwe nisawa ariko mfinsimpungege kuruvyaro gwacu kugihugu gito nkiki kandi gikenye 1. Abana ntibariko bariga 2. Abenegihugu bose bahereye hanze 3. Amafaranga yaratayagaciro , ivyorero mbonako bishobora kuvamwo intambara itazopfa irangiye
23 Rusama 2016, 16:28, par Kwizerimana
None gayemwe turakenyeye abarundi tubandany kumarana dupfa ivyiyumvire bidahuye canke umugambwe? Turakwiye kwikubita agashi tukamenya ko kurya Imana yaturemye tudasa twese ko ariko n’ivyiyumviro bitandukanye.