Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muhuta : Inyuma y’imyaka bamaranye intekera ku mutwe ubu vyifashe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Muhuta : Inyuma y’imyaka bamaranye intekera ku mutwe ubu vyifashe (...)

Muhuta : Inyuma y’imyaka bamaranye intekera ku mutwe ubu vyifashe neza

samedi 27 Mukakaro 2013

Ukwubahiriza itegeko rigenga amakomine ndetse n’ayandi mategeko agenga intwaro, biri mu vyatumye komine Muhuta iba iya gatatu mu Burundi bwaso, ica iba iya mbere mu ntara ya Bujumbura rural ku manota 88 kw’ijana.

Musitanteri wa komine Muhuta Nkeshimana Jonathan avuga ko icatumye ikomine yiwe ija mu zambere zashimiwe ari ibintu bitatu. Hari amahoro n’umutekano vyagarutse mw’ikomine arongoye, ukwumvikana kurangwa mu nama mpanuzwajambo ya komine, n’ukwubahiriza itegeko rigenga amakomine n’ayandi mategeko. Abandanya avuga ko iyo inama mpanuzwa jambo ya komine itumvikana, iterambere ry’ikomine ridaheza ngo rishoboke. Abandanya avuga ko mu makomine atandukanye, yama yumva havurwa ukwutumvikana kw’abari mu nama mpanuzwajambo ya komine, ukaja wumva haciye iminsi ngo musitanteri wa komine yakombowe, hagaca haca igihe kinini atarasubirizwa. Abagize iyo nama rero ntibaheza ngo baje hamwe bumvikane ku bikorwa vy’iterambere ya Komine, mu gihe hama induru muri iyo nama mpanuzwajambo. Ukwutumvikana rero kuratuma n’iyo inama yatumweko hagira abayisiba, ivyo bigatuma rya terambere rigorana gushikwako mw’ikomine.

Musitanteri abandanya avuga ko komine arongoye yishinze kurwiza umwimbu. Ivyo rero bikaba vyatumwe n’inyigisho zahawe abatozakori mu ntumbero yo kubabuza kuza baranyotora ku matagisi baba batoje, na cane cane mw’isoko. Inyuma y’izo nyigisho zahawe abatozakori, amakori atozwa muri iyo komine yavuye ku miriyoni 50 zishika kw’150 z’amafaranga y’amarundi. Komine rero ikaba igira ico iterereye mu nyubakwa z’amavuriro, amashure, n’izindi.

Jonathan Nkeshimana abandanya avuga ko komine yarishe amadeni yose yari ifitiye amashirahamwe, yaba ayategekeraniriza akazoza abakozi, canke nk’ishirahamwe mituweri. Ivyo rero bigatuma abanyagihugu bakora bazi neza ko agakarata kabo ko kwivurizako karishwe co kimwe n’ugutegekanirizwa muri kazoza kabo. Ivyo kandi bakaba babikesha amahoro n’umutekano vyaagarutse mw’ikomine yabo inyuma y’imyaka n’imyaka bamana intekera ku mutwe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.