Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mujao iragirizwa kuba ariyo yateye Niger - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mujao iragirizwa kuba ariyo yateye Niger

Mujao iragirizwa kuba ariyo yateye Niger

jeudi 23 Rusama 2013

Imwe mu modoka yatezwe, yari igamijwe inyubakwa zi Somair, i Arlit. Ibitero bibiri vyabereye i Agadez na Arlit, muri Niger kuri uyu munsi wa kane igenekerezo rya 23 rusama 2013 mu gitondo. Imodoka zibiri zari zatezwemwo ibibombe, zatumbera i kambi ya gisirikare be n’ihinguriro ry’ubutaka.

Ukurasana kwaciye gukurikira. Leta iragiriza Mujao, umuhari uharanira ubumwe n’indwano nyeranda (Jihad) muri Afrika y’Uburengerazuba, ko aribo bakoze ico gitero.
Igitero ca mbere mu Burengero bushira Ubuseruko mu gisagara ca Agadez, imbere y’ i kambi ya gisirakare ya karere ko kwivuna abansi igira kabiri. Imodoka yuzuye ama bombe yaturikiye imbere y’irembo, igitero cabaye mu gitondo vyateye umutima uhagaze abo mu gisagara ca Agadez.

Ukwivuna kw’abasirikare bo mw’ikambi kwagize inguvu. imirwano yahagaze ari uko abagize ico gitero babazungurutse bose. Amakuru yo kwizera avuga ko Mujao winjiranye igice c’Uburaruko bwa Niger.

Igitero ca kabiri, cabereye mu gihe kimwe n’icambere, cabereye i Arlit, igisagara cuzuye ubutaka. Imodoka nayo nyene yuzuye ama bombe yaturikiye hafi y’ihinguriro rya Somaïr, mugabo Imana yakinze ntaco ihinguriro ryabaye.
Somaïr, ishirahamwe ricukura ubutaka i Aïr, rikomoka kw’ishirahamwe rikomeye ryitwa Areva bifatanije na Leta ya Niger, ikaba icukura kuva mu mwaka wa 1971.

Ibibanza vyinshi bigizwe n’ubutaka bwitwa uranium mu gice c’Uburaruko bushira uburengero bwa Niger. Igisagara kikaba kiri mu ruhagara co kimwe n’ica Agadez be n’ici Arlit no mu karere k’Uburengero k’igihugu.

Abasirikare bakaba babirukanuye, muri uno mwanya nta biratangazwa ko vyononekaye kuri ivyo bitero.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.